Mumahanga

Kenya: Abantu 35 bashizwe ahabona bakekwa gukorana n’imirwi y’iterabwoba.

Amafoto 35 arikumwe n’amazina yabo niyo reta ya Kenya yashize ahabona bakekwa gukorana n’imirwi y iterabwoba n’inyuma y’ibitero biheruka vyakozwe n’umurwi w’abagizi ba nabi hari mu karere ka Lamu. Muri abo bose bafise ubwenegihugu butandukanye abo mu bihugu vya Tanzania, Somalia, c’Ubudage, Ubwongereza, Bangladesh n’ahandi, benshi muri bo ni abo murico gihugu ca Kenya.

Abashinze ahabona ayo mafoto bamenyesha yuko bafise aho bahuriye nko kuba hari aboba barateze ibisasu vyica mu mabarabara bikozwe mu bundi buryo butari ubwo mu mabarabara vyahitanye abanyagihugu bo muri co gihugu baba mu mabarabara ari mu gace ka Lamu-Witu-Garsen, ikindi kivugwa nuko bashobora ko hoba harimwo abagize uruhara mu gitero cabaye mu 2020 mu kigo ca gisirike c’Abanyamerika kiri i Manda Bay mu karere ka Lamu.

Musalia Mudavadi: I am worth Sh4 billion - The Standard Evewoman Magazine
Musalia Mudavadi Umushikiranganji wa Mbere wa Kenya.

Kuruhande rwa Reta ya Kenya ibicishije ku mushikiranganji wa mbere ahamagarira ku muntu wese azotanga amakuru ajanye nuwo akorana nabo bagizi ba nabi izomuha agashimwe kaboneka.

Mwomenya yuko haciye igihe gito havutse umurwi w’iterabwoba wa Al-Shabab wagize ibitero mu turere two mu maja haruguru ashira uburasirazuba bwa Kenya no mu duce dushika ku nzuzi zinini.

Related posts

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Yvan Manager

Abasirikare b’Ubufaransa bazotagura kuva muri Niger muriyi ndwi.

Yvan Manager

Uburusiya bwemeje ko Prigozhin yapfuye n’isanganya y’indege.

Yvan Manager

Leave a Comment