Zidafise Umuce

Umurundi w’imyaka 16, yakoze urubuga hwaniro yise “Frasasu” rukiri mw’igeragezwa.

Tumusavyeyesu François yakoze urubuga hwaniro rukora nka Telegram yipfuza kuzorwita “Frasasu”, n’umwana akiri muto afise imyaka 16, yiga mu mwaka wa kabiri w’inyuma y’amashure shingiro kw’ishure kw’ishure y’akarorero mu ntara ya Makamba. François yavuze yuko afise ingorane zo gushira urwo rubuga ahabona kugira abarukeneye barushire mu materefone yabo hanyuma barukoreshe nawe yunguke. André Nininahawze arongoye ishure y’akarorero y’i Makamba asaba abajejwe indero kumutera intege.

Tumusavyeyesu Francois
Tumusavyeyesu François, yakoze urubuga hwaniro yise “Frasasu”

Nkuko iyo nkuru tuyikesha bagenzi bacu bo mukinyamakuru VOA, François yavuzeko rukora nka Télegram ariko ruracari mu gihe c’igeragezwa. Iyo uhejeje kurushira muri terefone ikuze, uca uronka ubutumwa bw’ikaze buvuye kuri telegram mbere n’abagenzi bawe basanzwe bakoresha telegram, baca babona ko ubaye umunywanyi wa Telegram. Ikindi gitangaza abantu batari bake bamaze kubona urwo rubuga bavugako uhejeje kurushira muri ngendanwa yawe uca ubona ama nomero y’abagenzi bawe bakoresha telegram bose. Gutyo muca mutangura guhanahana ubutumwa bwanditse canke bw’ijwi, amakuru n’amareresi nkuko hari izindi mbuga zikora nkukwo nyene.

Izindi ntambamyi François afise gushika uyu munsi n’ikibazo c’ukubura amafaranga atanga ku womuha indaro Hebergement canke ngo arushire mu ntonde z’izindi mbuga Playstore aho uwurukeneye ashobora kurutora akarushira muri terefone yiwe. Mu migambi ya vuba François afise niyo kubandanya atera imbere muri ubwo buhinga bwa none.

André Nininahawze arongoye ishure y’akarorero y’i Makamba kuriwe yipfuza ko ni yo yaheza amashure yisumbuye akaronka aho yoja kwiga kaminuza yomufasha gutera imbere muri ubwo bumenyi asanganywe.

 

Related posts

Gasape agiye gushiraho ikarata simu ifise interinete y’umuvuduko munini.

Yvan Manager

Paul Kagame azokwitoza ikiringo ca 4, mu matora mu 2024.

Yvan Manager

AFCON 2023: Uburundi bwirahiye Sudan y’Epfo ku manota 57 kuri 42.

Yvan Manager

Leave a Comment