Imyidagaduro

Cibitoke Summer Time ku ncuro ya 3 izoba igenekerezo rya 8 Mukakaro 2023.

Cibitoke Summer Time igiye gusubira kuba ku ncuro igira  3  kw’igenekerezo rya 8 Mukakaro 2023 nkuko vyashikirizwe n’umurwi usanzwe utegura ico gikorwa, ivyo bikazokwerekana ishusho ryiza iyo ntara ifise mu bijanye n’umutekano ndetse no mw’iterambere ryayo ikazobera ku kiyaga Dogodogo. Ni mugihe biteze abanyarwanda batari bake kubera Cibitoke ihanana urubibe nico gihugu.

Umurwi utegura ico gikorwa ca Cibitoke Summer Time.

Ico gikorwa c’iteka kubategura urwo rubanza bayagiye buja Fm yuko uyu mwaka bizoba bitandukanye cane nuko vyahora bitunganywa kuko kuribo bazotangura isaha zitanu z’umurango gushika uyundi munsi bitahora biba mu myaka iheze. Kubategura Cibitoke Summer Time kuribo bafise icizere kirenga ibice 80 kw’ijana bivanye naho bageze mu gutegura ico gikorwa kanatsinda bariko babikorana n’abajejwe intwaro muriyo ntara.

Twashatse kumenye intambamyi bagiye barahura nazo mu myaka yaheze, batumenyesheje yuko ku ncuro ya mbere ivyo gufungura no kunwa vyaheze kare ikindi bagiye gushirako umutima nugukomeza cane ibijanye n’ivyuma bitanga amajwi kuko n’ikimwe bagiye barabona yuko gikwiye guhinyanyurwa neza kurusha.

Muri bimwe bishasha bagiye gukora bitahoraho imyaka iheze nuko ubu kuriyi ncuro bagiye kuzoba barikumwe n’abaririmvyi bazofasha kunezereza abazoba babitavye. Abategura ico giteramo bahamagarira abarundi baba hanze kuzohaba ikijanye n’intunganyo yico giteramo tuzoza turabibamenyesha uko bazoza baratubwira aho bigeze.

Ivyo biruko mu gihe ku ncuro ya 2 hari abantu bari hagati y’ ibihumbi 2 na 3.

Related posts

Umukuru w’Igihugu yuguruye indwi yahariwe abarundi baba mu makungu.

Yvan Manager

Vichou Love yagarutse avuye muri Quatar mu bikorwa yafashijwemwo na Dream House.

Yvan Manager

Umuririmvyi Saïdi Brazza yitavye Imana.

Yvan Manager

Leave a Comment