IbigezwehoInkinoMumahanga

Man City: Amafoto y’ibihe bikuru bikuru yagaragaje umunezero inyuma yo gutsinda Real Madrid.

Man City yaraye itsinze ibitsindo 4-0 umurwi wa Real Madrid mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa rya ligue des Champions, ni mugihe urukino ruheruka bari banganije 1-1.  Man City iciye ironka uburenganzira bwo gukina igice ca nyuma ciryo higanwa kizoba igenekerezo rya 10 Ruheshi 2023 ku kibuga Olympique Atatürk mu gisagara ca Instanbul mu gihugu ca Turkiya, bakazokina na Inter Milan isaha z’itatu z’ijoro.

Bernardo Silva atsinze igitsindo ca mbere. Haaland ariko aramukeza.                                       
Erling Haaland ateye umutwe ariko ntiyatsinze, Thibaut Courtois umunyegori wa Real Madrid aragikuramwo mu buryo butangaje.
Manuel Akanji atsinze ikindi gitsindo ca Man City (3-0).
Thibaut Courtois yakinye atarakira neza.
Abakunzi ba Man City bahimbawe cane.

Silva yahaye n’umutwe Courtois, inyuma y’iminota 14 gusa.
Bernardo Silva n;umunezero mwinshi, ahejeje gutsinda igitsindo ca 2.
Pep Guardiola aramukanya n’abakinyi biwe.  Carlo Ancelotti amenyereza Real Madrid adatahura ivyari bihejeje kuba (4-0).
Umunezero barimwo inyuma y’urukino.
Umumenyereza wa Man City ariko arahimbaza itsinzi.

Inyuma y’urukino, murabe ayandi mafoto y’umunezero inyuma y’ikibuga.

Related posts

Denis Mukwenge yahawe ibihumbi 64$ bamusaba kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu muri Kongo.

Yvan Manager

Ihiganwa rya Rallye ryarahagaze inyuma y’urupfu rw’umwe mubakinyi bawo.

Yvan Manager

Flambeau du Centre na Vital’O, urukino rwitezwe cane kundwi ya 23.

Yvan Manager

Leave a Comment