Inkino

Urukino rushasha rw’ abagendana ubumuga mu Burundi.

Ishirahamwe ry’inkino ry’abagendana ubumuga mu Burundi barataguje urukino rushasha rw’abakina umupira w’amaguru kubafise ukuguru canke ukuboko kumwe. Urwo rukino rushasha rugira 10 rugiye mu rukurikirane rw’ inkino z’ abagendana ubumuga. Mu nama ya Fifa iheruka kubera mu Rwanda, Infantino Giano atwara Fifa kw’isi yasavye yuko urwo rukino borutaguza mu bihugu vyo muri kano karere.

Eugene Nsabayezu yambaye ikoti itukura, Fred Sorrells, Patrick Ngonga na Jonathan yambaye inkofero.

Ibikorwa vyo gutaguza icese urwo rukino rw’ abagendana ubumuga WAFF(World Amputee Football Federation) vyabereye muri komine Ntahangwa rutaguzwa n’ urukino rw’abagabo batsindanye bibiri ku ubusa hamwe n’ urw’abagore baganije ubusa ku bundi.Umunyamabanga mukuru w’ umupira w’ amaguru mu Burundi, Jeremie Manirakiza bemeye kuzobafata mu mugongo nko kubaha ibikoresho vyo gukina, imipira, imyambaro yo gukina ndetse no kubafasha gukarihiriza ubwenge abamenyereza hamwe n’abasifuzi. Eugene Nsabayezu atwara ishirahamwe ry’abagendana ubumuga mu Burundi arasaba gushigikirwa nkuko ayandi mashirahamwe yinkino asanzwe afashwa.

Patrick Ngonga afise ishirahamwe rikora ibirato vyo gutambuka.

Patrick Ngonga umuganga afise ishirahamwe rikora ibikoresho bifasha gutambuka abagendana ubumuga yagize iciyumviro curwo rukino, yamenyesheje Buja Fm yuko yabibonye mu mboneshakuru ihiganwa ryabo bituma nawe arondera abawukina ngaha mu gihugu cacu, arashima ukuntu bariko baratera intambwe. Mu misi irimbere bizoba arivyiza gusumba kandi ko no mu gihugu hagati vuba cane bagiye kurushikanayo.

Fred Sorrells Umunyamabanga Mukuru wa WAFF.

Fred Sorrells asanzwe ari umunyamabanga mukuru w’ ishirahamwe ry’ abagendana ubumuga kurwego rw’isi akaba yamenyesheje ko yipfuza ko Uburundi bwokwitabira inkino mpuzamakungu zizobera mugihugu kibanyi cu Rwanda mumwaka uza, yabasavye yuko boshiramwo inguvu nyinshi nabo bakazokwitaba ihiganwa ry’isi yose izoba  mu 2026 muri Amerika.

Urwo rukino rushasha rw’ abagendana ubumuga rukinwa n’abakinye 7 mu murwi umwe, bagakina iminota 50 igabuyemwo uduce 2. Mu kibuga kigana uburebure 60 kuri 40. Ivyo biruko mu gihe ari ngaha gusa mu gihugu iwacu hari hasigaye gutagura urwo rukino ku rwego rw’akarere.

 

Related posts

Etienne Ndayiragije, atsinzwe urukino rwa mbere mu Ntamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Umugwi wa Interstar ubaye umugwi wa mbere mu Burundi ugiye kumenyerezwa n’umupfasoni

Yvan Manager

Volleyball: ASB i set 3-1 Rukinzo muri final.

Buja Media

Leave a Comment