Imibano

UMUKENYEZI YAGIZE URUHARA MUKUGARUKANA AMAHORO.

Kuri uyo wa gatatu igenekerezo rya 01/3/2023 , kuri kaminuza i Ngozi harerekanwe ireresi yerekana abakenyezi bitanze mu kugarukana amahoro mu Burundi.

Iyo reresi yashizwe ahabona na Christine Ntahe batazira Mama Dimanche afashwe mu mugongo n’umugambi w’Igihugu c’ubusuwisi.
Iyo reresi yerekana ukuntu Christine NTAHE yabagendera akabakoresha ibiganiro yarasanzwe akora bijanye n’abakenyezi.
Christine Ntahe, yanditse igitabo ”Abakenyezi b’ intwari bibagiwe”.
Nkuko yabishikirije Christine Ntahe vyongera biragaragara muriyo reresi , abakenyezi bo ntara zose barashinze intahe uko bitanze mu guharanira amahoro n’ugusubiza hamwe,kandi babikoze badatinya kuhasiga ubuzima.
Régine NIJIMBERE wo muri site ya Ruhororo hamwe na Faraziya BARANYOBEYE wo ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi barashinze intahe uko bateguye imirwi y’intambo kugira bashobore gusubira kugira umubano mwiza hagati yabahunze bakaja mu ma site n’abasigaye mu mitumba.
Abo bakenyezi basaba urwaruka kubigirako mu gukomeza amahoro n’umutekano batavanguye canke ngo barabe ubwoko.

 

Related posts

“Banyagisagara,twirinde ibihuha kuko bisamaza” Dr Sabine Ntakarutimana

Yvan Manager

Gitega: “Birashoboka kw’abakenyezi n’abigeme batera imbere bakoreye murunani”

Yvan Manager

Augustin yasubiye kuboneka ari muzima inyuma y’imyaka 3 yitavye Imana.

Yvan Manager

Leave a Comment