Imibano

Igikorane “Connect Africa Conference 2023” cahagaritswe n’ubushikiranganji bukurikirana ivy’amashengero.

Igikorane mpuzamakungu carahagaritswe n’Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwarahagaritse kubera basanze cari igikorane co gutoza amafaranga umuntu umwe bamutoza amadorari 50, uwutayaronse agatanga ibihumbi 200 vy’amarundi,  cari categuwe n’ishengero New Creation Church, kuva kw‘igenekerezo rya 15 gushika ku rya 17 Nyakanga. Martin Niteretse asigura ko rimaze kuronka uruhusha ryaciye ritangura gutoza amafaranga kandi mu vyo basabiye uruhusha atabirimwo.Umushikiranganji Martin Niteretse avuga ko umuntu akeneye gusenga ataja gutoza amafaranga.
Martin Ninteretse
Martin Niteretse Umushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amashengero.
Martin Niteretse agira ati: “Bari batubwiye ko ari ibikorwa vy’ijambo ry’Imana. Hanyuma, tumaze kubaha uruhusha baciye batangura kwegeranya amafaranga, ico bise “dîner de gala”. Yongera ati “Iyo dîner de gala mu vyo bari basavye ntibayishizemwo. Ariko twabonye ko urwo ruhusha rw’igikorane mpuzamakungu arirwo rwabugururiye kugira batoze ayo mafaranga”.
Umushikiranganji kubwiwe abona yuko rwoba rwari uruyeri kuko abarundi vyoroshe kubafatira kw’ijambo ry’Imana, ati : “Abenegihugu b’abarundi barakunda Imana vy’ukuri. Ubabwiye, ukabafatira kw’ijambo ry’Imana n’utwo bafise mu nzu baragenda bakatugurisha twose kuko bazi ko ari urukiza”.
Ashimangira ko igikorwa ca mbere c’amashengero atari ugutoza amafaranga ahubwo ari ico kwegeranya imitima y’abayoboke bayo. Ku bw’ivyo, ngo nta shengero na rimwe rirekuriwe gutoza amafaranga kugira rigire igikorane.
Mwomenya yuko bagihagaritse  bari bamaze kubaha uruhusha, hari hamaze kwiyandikisha abantu barenga 500 bokwitabiriye ico gikorane nkuko bamwe mu begereye abari mu nteguro yico gikorane.

Related posts

Adrienne, umukinyi wa Ninde azovuzwa gushika akire n’umugambwe CNDD-FDD.

Yvan Manager

Ukwahukana, amajambere canke ikiza ?

Yvan Manager

Augustin yasubiye kuboneka ari muzima inyuma y’imyaka 3 yitavye Imana.

Yvan Manager

Leave a Comment