Imyidagaduro

Memba, imyaka 4 iraheze yitavye Imana.

Uwahoze atwara ishirahamwe ry’ abaririmvyi mu Burundi imyaka irenga 10, Bruno Simbavimbere benshi batazira ‘’Memba’ yitavye Imana haciye imyaka 4, ni inyuma yaho aguye mu mutego w’abagizi ba nabi bitwaje imipanga n’ibihiri, muri quartier ya Kibenga zone ya Kinindo mu gisagara ca Bujumbura, baramukomeretsa ku mutwe mw’ ijoro atashe yaravuye gushigikira umuririmvyi Aubin lux yarahejeje gushira ahabona indirimbo yiwe nshasha.  

Umuririmvyi Aubin lux

Twarondeye uwo muririmvyi Aubin lux aratubwira ico amwibukirako, ”Yarakunda cane abaririmvyi bacaruka kandi yarabashigikira, yari umugabo yakunda guhanura baririmvyi bakiri bato, y’abahimiriza kwandika ikirundi kiryoheye ugutwi, akabizeza yuko muri kazoza nibaguma bandika neza indirimbo zifise ubutumwa bazotera imbere kandi bakahakura amafaranga yo kwiteza imbere”.

Member yararwaye araja mu bitaro ahamara imisi ariko nta amahirwe yo gukira niho vyahavuye yitaba Imana asize abana 6. Urupfu rwa Member rwabababaje benshi no mubari bari mu bindi bisata bitandukanye nivyo benshi bamumenyemwo arivyo vy’ umuziki.

Mwomenyako yuko Memba yari umuhinga  mu kuvuza ubwoko bw’ingoma bita “batteries” akaba yaranavugiriza umugwi w’ igihugu Amabano.

Related posts

Drama T: ‘’ITAMPORIZE’’ indirimbo iriko ivugwako vyinshi.

Buja Media

Cibitoke Summer Time ku ncuro ya 3 izoba igenekerezo rya 8 Mukakaro 2023.

Yvan Manager

Inyuma y’imyaka 6, Spoks agarutse n’idirimbo “Mashup”.

Yvan Manager

Leave a Comment