Mumahanga

Umugore wa Ali Bongo apfungishijwe ic’amaso

Umutambukanyi ya wa Ali Bongo aheruka kuvanwa ku butegetsi bwa Gabon yagirijwe ivyaha bitandukanye birimwo kunyuruza amafaranga ya reta no gukoresha amafaranga yaronse mu buryo butemewe n’amategeko ku nyungu ziwe bwite. Umushikirizamanza mukuru wa Republika ya Gabon, Andre Patrick Roponat, yatangaje ano makuru avuga ko Madamu Sylvia Bongo Ondimba Valentin apfungishijwe ic’amaso.

Mw’itangazo yasomeye kuri tereviziyo y’igihugu, Andre Patrick Roponat, yasiguye ko ivyaha umupfasoni wa Ali Bongo yagirizwa atavyisangije. Sylvia Bongo Ondimba Valentin, yegetsweko ivyo vyaha vyose inyuma y’ukwezi kumwe ubutegetsi bw’umushingantahe wiwe, Ali Bongo Ondimba, buhiritswe n’abasirikare.

Actualités Gabon :: Chute spectaculaire de Noureddine Bongo : De Prince  Héritier du Gabon à la Prison :: Gabon news

Noureddin Bongo Valentin, umuhungu wa Ali Bongo nawe nyene yaragirijwe ivyaha birimwo ivy’ibiturire no kunyuruza amatungo ya reta. Noureddin apfunganywe na bamwe mu bahoze muri reta ya se, barimwo ba soma mbike biwe babiri bahoze baramutswa ubushikiranganji bubarizwamwo ibikorwa vya reta n’amasoko ntanganguvu. Umuhungu wa Ali Bongo apfunganywe kandi n’abakiri bato bahora bakora mu biro vya se.

Related posts

CPI yasohoye umutahe kuri Vladimir Putin imwagiriza guhohotera agateka k’abana.

Yvan Manager

Tanzaniya: Ugusubiza hamwe kw’abatavuga rumwe na reta nivyo Samia Saluhu yubakiyeko.

Yvan Manager

Kenya:Umuririmvyi Jaguar bamugenye kuba umunyamabanga ashinzwe ivy’intwaro mu bushikiranganji bw’urwaruka n’inkino.

Yvan Manager

Leave a Comment