Politike

Batatu mu bari mu nzego nyobozi z’Umugambwe CNDD-FDD basubirijwe.

Umugabwe uri kubutegetsi CNDD-FDD waranaguye inzego zigize ubuserukizi bukuru. Nk’uko bitegekanijwe n’amategeko agenga umugambwe, Abanyamabanga ntunganyabisata batatu batowe barahiye kur’uyu wa 30 nyakanga 2023. murabo bashasha harimwo  hamwe na Doriane Munezero agiye kuba umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe guhanahana no kumenyesha amakuru n’imbuga nyagiro.

Calinie Mbarushimana, agiye kuba umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe inkino, imibano, imicokama n’ubuhinga ndangakaranga. Calinia Mbarushimana akaba yahora asanzwe ari umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bw’Intwaro yo hagato n’umutekano, imbere yaho akaba yarabaye Buramatari w’intara ya Karusi. Calinie Mbarushimana akaba asubiriye Godeliève Nininahazwe.

Umushingamateka Dénis Karera, agiye kuba umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe imihari ikomoka ku mugambwe. Uwo mushingamateka avuka mu ntara ya Gitega, komine Mutaho, akaba asanzwe ari mu mugwi ujejwe ivy’ubutunzi mu Inama nshingamateka hambavu yo kuba umunyabigega w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB. Akaba yarigeze kuba atwara umuhari w’urwaruka rwa CNDD-FDD, Imbonerakure.asubiriye Lazare Mvuyekure.

Doriane Munezero, yahora ari icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’Igihugu, ubu akaba agiye kuba umunyamabanga ntunganyabisata ajejwe guhanahana no kumenyesha amakuru n’imbuga nyagiro z’uwo mugambwe, Doriane Munezero agiye gukorera mu ngata Nancy Ninette Mutoni. Dorine Munezero asanzwe ari imvukira yo mu gisagara caBujumbura muri komine Ntahangwa. Ayo mafoto tukaba tuyakesha urubuga rwa Twitter rwa CNDD-FDD

Inyuma yo kurahira imbere y’inama y’inararibonye muruyo mugambwe, baciye bafata agafoto ka bose barikumwe n’Umukuru w’Igihugu ari nawe abatwara.

Related posts

Kenya: Abantu 238 bahagaritswe,abapolisi 31 barakomereka mu migumuko.

Yvan Manager

Ibintu bikuru bukuru,Varisito Ndayishimiye yakoze mu nama igira 5 ihuza ONU n’ibihugu bitaratera imbere.

Yvan Manager

E. Ndayishimiye yahaye umubonano Umunyamabanga Mukuru wa ONU imbere yuko inama igira 11 itangura.

Yvan Manager

Leave a Comment