MumahangaUmutekano

NIJERI: Abasirikare 17 bapfuye mu gitero c’Abajihadiste.

Igitero cakozwe n’abikekwa kuba abarwanyi baba jihadiste cahitanye abasirikare 17 ba Nijeri, igisirikare ca Nijeri cavuze ko ico gitero c’ejo ku wa kabiri cakomerekeyemwo abasirikare 20, muri bo harimwo batandatu bakomeretse cane. Ni igitero cabereye mu gisagara citwa Koutougou, kiri mu karere ka Tillaberi, kari ku rubibe Nijeri ihana na Mali hamwe na Burkina Faso. 

Mw’itangazo ryaco, igisirikare ca Nijeri cemeje ko cishe abarenga 100 mu bakoze ico gitero. Abagikoze bari ku mapikipiki nk’uko igisirikare ca Nijeri, kibisigura.Ico gitero kibaye mu gihe Nijeri ihanganye n’ibibazo birimwo ivya kudeta iheruka kuba muri ico gihugu.
Abategetsi ba gisirikare bo mu bihugu vyo mw ‘ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, bazohurira muri Ghana ku wa kane no ku wa gatanu w’ino ndwi, mu nama yo kurabira hamwe niba bikiri ngombwa ko barungika inteko zabo muri Nijeri, mu mugambi wo gusubiza ubutegetsi Prezida Mohamed Bazoum.

Related posts

RDC : BASABA UMUKURU W’IGIHUGU GUSHIRA IMBERE IBIGANIRO

Buja Media

Niger: Pasiporo 990 z’abategetsi batandukanye zateshejwe agaciro.

Yvan Manager

Umurwi Hamas uvugako wishe umusirikare akomeye wa Isirayeli.

Yvan Manager

Leave a Comment