Ubutunzi

Séverin yakoze akuma gafasha guhamagarana ata ma inite akoreshejwe.

Isabukuru y’imico n’akaranga ku ncuro igira gatatu iriko ibera i Gitega kuri uyu wa 29 Nyakanga 2023, herekanywe igikoresho (Ampliphone) gifasha mu guhamagarana ata ma inite akoreshejwe hagati y’ibirometero 2 na 3,  hambavu yo guterefona, uwugikoresha kandi arashobora kwumviriza iradiyo yose ashatse aha mu Burundi.
Ubwo buhinga tubukesha Séverin  Ntaherezo we yakoze ico iyo terefone ikaba n’iradiyo, akaba avuka muri komne Cendajuru mu ntara ya Cankuzo. Uwo muhinga asanzwe ari umufundi w’ivyuma bitandukanye.Akaba avuga ko haciye umwaka atanguye gukora ivyo bikoresho ariko ko akirindiriye uruhusha hama ashire kw’isoko ubwo buhinga bwiwe maze abantu bigurire.
Peut être une image de 8 personnes et texte
Iryo sabukuru rihimbajwe ku civugo: “Twubake Uburundi bwakaka dufatiye ku mico kama n’akaranga bidushikana ku#Burundi bwifashe mu mwaka w’2040, buteye imbere mu mwaka wi 2060”
Iryo sabukuru yuguruwe icese n’ Umukuru w’ Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye n’umushikiranganji wa mbere wa reta y’uburundi Gervais Ndirakobuca hamwe n’abandi bategetsi bateye iteka ivyo birori.Peut être une image de 6 personnes
Tubamenyeshe kandi ko intara zose ziriko zirerekana akabirya kazo mu karanga. Abahingura ibintu bitandukanye nabo nyene niho bari

Related posts

Inoti ya 10.000,5.000 yakozwe kuwa 4 Munyonyo 2108, ntizoba igikora inyuma ya 17 Ruheshi 2023.

Yvan Manager

Abenegihugu bo hagati mu gihugu bataguye gutwara inoti guhiduza kuma zone.

Yvan Manager

BRB: “Uwuzoshaka amahera mvamahanga yose yipfuza azoyaronka”.

Yvan Manager

Leave a Comment