IbigezwehoMumahanga

CPI yasohoye umutahe kuri Vladimir Putin imwagiriza guhohotera agateka k’abana.

Vladimir Putin Umukuru w’Igihugu c’Uburusiya yarahawe umutahe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha wo kumuhagarika bamwagiriza gutwara abana babanya Ukraine mu Burusiya bidaciye mu mategeko n’ivyaha vyo mu ntambara. Volodymyr Zelensky Umukuru w’Igihuguu ca Ukraine arashima iyo ngingo, reta y’ Uburusiya babona ko ari kubasamaza kanatsinda ntibari no muriyo sentare.

 Karim Khan umushikirizamanza mukuru wa CPI

Umushikirizamanza mukuru wa CPI Karim Khan “Icaha nk’iki ntigikeneye ko umuntu arinda kuba umunyamategeko, umuntu akeneye kuba afise ubuntu kugira ngo abone ububi bwaco”.

Mw’itangazo iyo sentare ryashize ahabona bavuga ko ifise ivyemezo vyose vyerekana ko yakoze ivyaha we nyene ubwiwe, hamwe n’ivyo yakoranye n’abandi itashimye kuvuga, ikamwagiriza  ko yananiwe  kugira uruhara ahagarike iryo hohoterwa ryabo bana batwarwa izuba riva kandi ibinyamakuru bitasivye kuvyerekana.

Joe Biden atwara Amerika.

Joe Biden aremeza ko Putin yakoze ivyaha vyo kunyaga abana mu ntambara agashima iyo ngingo akemezako bifise ishingiro ivyo bamwagiriza “abana ntibashobora gufatwa nk’ibikoresho vyo mu ntambara, ntibashobora kunyagwa.

Dmitry Medvedev yahoze ari Umukuru w’Igihugu c’Uburusiya.

“Ntibikenewe ko umuntu arinda gusigura IYO uru rupapuro rukoreshwa”, niko yanditse kuri Twitter, aca ashirako n’akamenyetso (emoji) k’urupapuro rwo mu kazu ka surwumwe.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ Uburusiya bakiriye yompi iyi ngingo. Muri Ukraine guhera kuri Volodymyr Zelensky n’abandi bakurikiranira hagufi intambara yivyo bihugu 2, barashima iyo ngingo bakavugako ari imbonekarimwe kuri Ukraine, abandi bakabona ko ari intango y’amabi yose bamazemwo umwaka urenga. Abandi bakabonako ko iyo ngingo ishobora kutazokunda kuko amahirwe ari make cane kuko Uburisiya butari muriyo sentare ariko bamwe bagatanga akarorero ko ata muntu n’umwe yashobora kwibaza ko Slobodan Milosevic, yahoze arongoye Serbia akagirizwa ivyaha vyo mu ntambara muri Croatia, Bosnia na Kosovo, yari gushobora kwisanga i La HayeIbi bikazomubera inzitizi zizomutuma adapfa gusohoka igihugu ciwe.

Vladimir Putin aramukanije na Maria Lvova-Belova.

Mwomenya yuko Vladimir Putin ivyo bamwagiriza vyo guhohoreta abana muri Ukraine vyakozwe kuva ku wa 24 Ruhuhuma 2022 igihe Uburusiya butangura intambara bikavurwa ko na Maria Lvova-Belova ajejwe agateka kabana muBurusiya aronderwa nawe niyo sentare kurivyo vyaha.

Le président russe, Vladimir Poutine, à Veliky Novgorod, en Russie, le 21 septembre 2022.

Related posts

RWANDA: Nabifashe nk’inkuru, Tshisekedi yipfuza guhindura ubutegetsi bw’u Rwanda.

Buja Media

Abanya Gaza bariko bahunga baca ku mupaka Rafah baja muri Misiri.

Yvan Manager

Sarah Wilkinson, yamaze imyaka 20 yegeranya uburyo yirongora wenyene.

Yvan Manager

Leave a Comment