Imyidagaduro

Ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru bwatanze ibikoresho kubinyamakuru.

Ibikoresho harimwo inyabwonko 25, utwuma two gufata amajwi 15(Enregistreurs) nivyo ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo kumenyesha amakuru bwahaye ibinyamakuru bitandukanye harimwo na Buja FM, hari kuwa 28 Ndamukiza 2023. Ivyo bikoresha biciye agaciro k’imiriyoni 115. Umushikiranganji Léocadie Ndacayisaba yavuze ko bije gufasha kugira ibimeyeshamakuru bikore neza.
Ibikoresho vyahawe ibinyamakuru. (Ifoto Agaseke.bi)

Nkuko ivyo bikoresho vyatanzwe n’umushikiraganji muvyo ajejwe harimwo ibinyamakuru Léocadie Ndacayisaba yamenyesheje yavuze ko bije gufasha kugira ibimeyeshamakuru bikore neza akamenyesha ko vyavuye muri ca kigega Reta yashiraho ngo gifashe ibimeyeshamakuru.

Umushikiranganji Léocadie Ndacayisaba asigura ko ivyo bikoresha vyatanzwe hisunzwe uko ibimeyeshamakuru makuru biboneka ku rubuga, ibitari bwaronke, ibikiri bishasha hamwe n’ibikeneye kurusha ibindi ivyo bikoresha.

Laurent Kaganda, icegera c’uwurongoye inama nkuru ijejwe ivyo kumenyesha amakuru yizera ko iyo ngabire izofasha mu kugabanya amakosa amwamwe yahora akorwa.Louis Kamwenubusa, kw’izina ry’abaronse ingabire arashima, akavuga ko atari agaseseshwarumuri ubukene mu bimenyeshamakuru buhari ahubwo ngo Reta yosubira igakubita inzu ibipfunsi ikaduza uburyo bushirwa muri ico kigega.

 

 

Related posts

Ihiganwa ry’umwigeme mwiza ryagarutse.

Yvan Manager

Vichou Love yagarutse avuye muri Quatar mu bikorwa yafashijwemwo na Dream House.

Yvan Manager

Inyuma y’imyaka 6, Spoks agarutse n’idirimbo “Mashup”.

Yvan Manager

Leave a Comment