Imyidagaduro

Festival Canal Comedy Buja 2023: Canal+ igiye kwerekana abarundi bazi gutwenza.

Urwaruka rukiri ruto rw’abatwenza babarundi bagiye kuronka mahirwe y’uko ingabire zabo zishika kure zikarenga imbibe z’Uburundi, ivyo bikazokorwa babifashwijwemwo n’ishirahamwe ridandaza amasanamu Canal+ kuri shene yayo.

Umwe mubazoca kuri Canal+.

Nkuko Buja Fm yashoboye kubikurikiranira hagufi mu nyigisho baronse zamaze iminsi 10 abagize izo nyigisho bashika 21 mu ngoro ndangakaranga y’abafaransa bariko bigishwa n’abahinga muruyo mwuga wo gutweza hari mu rukurikirane rw’isabukuru ryo gutweza ririrko ribera mu gisagara ca Bujumbura uyu mwaka bise “Festival Canal Comedy buja 2023” iriko iraba ikazomara iminsi 3 kw’ishure ry’Abafaransa. Muri bimwe tumaze kumenya bashoboye kwiga harimwo ibintu vy’intango uwushaka kuja muri uwo mwuga abategerezwa kumenya n’ibindi bitandukanye bifitaniye insano nibikino bazokina imbere y’ivyuma bifata amasanamu vyiryo shirahamwe Canal+.

Abarorerezi bariko bararorera iyo sabukuru.

Kuruhande rwumwe mu baronse inyigisho yabwiye Buja FM yuko ari intambwe nini cane gose kubona ingabire yiwe izoshika kure inyuma y’uko ivyo yakinye bizorabwa n’insinzi ry’abantu benshi cane gose bari mu bihugu bivuga igifaransa n’ibindi. Ivyo muri we yizeye y’uko bizomwugururira iyindi miryango kumbure ejo nawe bikazomutunga nk’iyindi myunga . Intumbero yiryo shirahamwe Canal+ bipfuza yuko ingabire z’abarundi zorengana imbibe zo ngaha hafi gusa nabo bagashika kurwengo nkurwo ibindi bihugu biriko murico gisata.

Valery Ndongo yari umwigisha kandi yakoze igiteramo (Isanamu ahejeje gushika mu Burundi).

Valery Ndongo nawe yari umwe mu bigisha kubwiwe yipfuza y’uko mu masabukuru batunganya mu gace barimwo ka afrika y’uburaruko boza baratumira n’abarundi mu masabukuru manini manini nk’akarorero Caravane du Rire canke Parlement du rire zozo zimaze gushika kurundi rugero uyu musi.

Related posts

Cibitoke Summer Time ku ncuro ya 3 izoba igenekerezo rya 8 Mukakaro 2023.

Yvan Manager

Indirimbo “You Love” ya DJ Paulin feat Dram-T, Juno Kizigenza izosohoka kuruyu wa Gatatu.

Yvan Manager

Vichou Love yagarutse avuye muri Quatar mu bikorwa yafashijwemwo na Dream House.

Yvan Manager

Leave a Comment