Hatunganijwe ibiteramo bitandukanye vyo kwibuka umuhisi Bob Marley ,bateramisha abakunzi buwo mudiho uri mu bwoko bwa Reggae, nkuko twabibonye ahatandukanye. Ni mugihe umuririmvyi Bob Marley yaririmvye indirimbo zitanduanye, zirimwo ubutumwa bwubaka mu guhuza abantu, gutanga imbabazi n’ibindi. Bob Marley haciye imyaka 42 yitavye Imana.
Umwe mu bateguye kimwe murivyo biteramo ni Cédric Bangy atwara Coopérative des Musiciens du Burundi. Yabwiye Buja Fm yuko bateguye ivyo biteramo kugira bashigikire ivyiyumviro vyubaka uwo mwami w’umudiho wa Reaggae yasigiye abantu. Ico giteramo kiza kubera muri zone Nyakabiga ku kabare bita Jackmart Bar benshi bakunda kwita kwa Docteur, haza kuba hari abakunzi buwo mudiho hamwe na DJ Happy.
Mu bunwero Guera Plaza buri muri zone Kamenge, bateguye igiteramo bise Fiesta Night, aho umuririmvyi Vichou Love aza kuririmbira abatari bake narirya ako kabare gaheruka gusubirwamwo. Bahinduye ibitari bike, uyu musi kakaba kari kurundi rwego mu bunwero bwo ngaha mu gisagara ca Bujumbura.
Bamwe mubari mu murwi Buja Sans Tabou, bateguye nabonyene igice ca 5, bibuka uwo muririmvyi Bob Marley, bigatagura isaha zibiri z’ijoro ku masaha yo ngaha iwacu.
Murico gikorwa haza guhura abantu bose bari mu gisata c’umuziki haba abaririmvyi, abahinyanyuzi canke abakora umuziki bose baba ngaha mu gihugu. imbere yuko bibuka Bob Marley baraza kuvugana ukuntu boshiraho akarusho karenze kakazanana n’ibintu bishasha murico gisata c’Umuziki.