Zidafise Umuce

Miss Burundi: Amazina 26 yabagiye mu 1/2 c’ihiganwa.

Abakobwa beza kandi baciye ubwenge 26 nibo batowe inyuma y’amajojora, yabagiye mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’ihiganwa, yabaya kuwa 29 Ndamukiza n’ishirahamwe ririko rirategura iryo higanwa ‘’Miss Burundi’’. Abari biyandikishije bose hamwe bashika 142. Igisagara ca Bujumbura nibo batowe kubwinshi bashika 9 muri 26.

Abari baje mu majojora.

Murayo majojora, intara ya Bujumbura Mairie biraboneka ko ariyo iserukiwe cane kubera ifise abayiserukiye bagera kuri 9 muri 26. Igice ca kabiri gishira icanyuma kikaba gitegekanijwe ku wa 20 Rusama 2023, nayo igice canyuma gitegekanijwe ku wa 16 Ruheshi 2023.

Abajejwe ihiganwa bariko baravugana n’abiyandikishije bose.

 

Amazina 26 y’abatowe naba bakurikira:

1/ Akimana Linda: Bubanza

2/ Barungura Lyne Chella: Bujumbura Mairie

3/ Bazahica Tania: Rutana

4/ Bwitonzi G. Aurore: Ngozi

5/ Igiraneza Ange. C: Cibitoke

6/Igiraneza Beraca: Bujumbura Mairie

7/ Ingabire Rolyca Ornella:  Bujumbura Mairie

8/Iraganje Roxanna Rania: Mwaro

9/Irakoze Cynthia: Rutana

10/ Irakoze Erica A. Carolle: Bururi

11/ Ishimwe Ange Bertille: Makamba

12/Ishimwe Netty Louange: Bujumbura Mairie

13/Iteriteka A.Noria: Bujumbura Rural

14/ Kaneza Ackissa Yvana: Bujumbura Mairie

15/ Kanziza Olga Charruella: Makamba

16/ Kenguruka Clara: Bujumbura Mairie

17/ Keza Blandine: Muramvya

18/Kezimana Melissa: Kirundo

19/ Mizero Anick

20/ Mugisha Elsie Amandine: Bujumbura Mairie

21/ Ndayizeye Lellie Carelle: Bubanza

22/ Ngabirano Belle Ange Edissa: Gitega

23/ Ngabire Carly: Bujumbura Mairie

24/ Rukundo Ange Brunelle: Bujumbura Mairie

25/ Uwera Ricky Tricia: Kirundo

26/ Uwimana Ange Belyssa: Bururi

Bariko bararaba uburebure bwiwe, bimwe mu bisabwa mw’ihiganwa.

Ivyo biruko ni mu gihe uwuzoba uwambere muri iryo higanwa ryo gutora umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge azoronka imodoka nshasha yo mu bwoko bwa Ractis, ahabwe n’umushahara wa 500.000 Fbu mu kiringo c’umwaka.

Abajejwe gutegura iryo higanwa, bariko bararaba ibiro bisabwa.

Vyinshi cane bijanye niryo higanwa Miss Burundi tuzobibabwira ido n’ido.

Inkuru ijanye niryo higanwa Miss Burundi:

Ihiganwa ry’umwigeme mwiza ryagarutse.

 

Related posts

Abana 42 bo mw’ibarabara batwawe mu kigo cegeranirizwamwo mu Cankunzo

Yvan Manager

Afrika y’Epfo: Abantu barenga 70 bahitanywe n’insanganya y’umuriro.

Yvan Manager

Angeline Ndayishimiye yitavye inama “Women Deliver 2023 Conference” i Kigali.

Yvan Manager

Leave a Comment