Indero

Singirankabo Prosper yiga afise imyaka 57, akarorero mu gukunda ivyigwa.

Muri ino misi haribonekeza  uguheba ishure ku rwaruka .Insiguro itangwa n’urwo rwaruka nuko ata kazi kakiriho. Iruhande y’ico, hari abaheba kubera inda z’indaro tutibagiye ubukene mu miryango. Naho bir’uko ,intahe ya Prosper Singirankabo  yari ikwiye kuba akarorero .

Ku myaka 57, uwo umugabo ahumuye  ari mu mikangara igize umugwi ugiye  guheza  amashure ya kabiri ya  kaminuza y’uburundi (mastère) akurikirana igisata c’imibano n’imibereho ( Socio- Anthropologie). Inyota yo kumenya bishasha ariko amenyesha ko hari benshi bamunebagura basigura ko ariko arata umwanya ngo nta mashure yo mu busaza ariko wewe siko abibona, asigura ko n’ubwo busaza bavuga iyo uri mu vyigwa ntabwo usubira kubona kuko ngo ivyigwa birasubiza itoto ( les études rajeunissent ).

Nkuko Singirankabo ariko ararondera ibitabo vyo gusoma muri Kaminuza y’ Uburundi.

Nkuko Singirankabo avyiganira Buja FM, iciyumviro co kubandanya ivyigwa catumwe n’uko ubwa mbere agihe kaminuza yari yize vyigwa vy’imibano( Sociologie). Niko kubandaniriza muri ico gisata,akaba yigana n’urwaruka rufise hagati y’imyaka 23 na 35 niko abivuga.

 Ukwigana n’urwaruka  binyibutsa kera nkiri muto bikanyongereza inguvu.

Ku kibazo c’uko atoba agira ingorane mu gihe yigana n’abo asumba ,Singirankabo Prosper abifata ahubwo nk’akarusho,agira ati:” Ahubwo nca numva nasubiye kuba muto nanje kuko tuganira ibigezweho, nta maganya nk’ay’abasaza nsubira kwumva mu mutwe”.Nca nsubira kuba mu bihe nk’ivyo nabayemwo mu myaka y’ubusore, aho twahiganwa mu kwiga kugira turonke ubumenyi bwinshi turonke kandi n’amanota menshi .

Urwaruka twomwigirako iki?

Turumva hirya no hino abavuga ngo :”Nta mashure y’ubu”,”ukwiga hari kera”,n’izindi mvugo zica intege uwuriko ariga. Uno mukurambere wewe siko abibona, asanga ahubwo ivyo vyiyumviro bitumwa n’ubunebwe. Ku bwiwe uwutize naho yoja kurima ntabirusha uwubikora kandi yarize. Noneho abona ko ubu isi ndimwa ari nto, ahamagarira urwaruka guteza imbere iyindi myuga idasaba isi ndimwa nk’ivyo mu buhinga bwa none n’ibindi ikindi abwira urwaruka n’uko rwokwima amatwi izo mvugo zica intege kuko wewe aremera ko hari abaronka ubuzi naho atari benshi, abona rero ko k’urwaruka akora neza nubu ashobora kuronka ikimutunga.

Uwo mugabo ahumuye yipfuza kuja araterera ivyiyumviro mu gutorera umuti ingorane zishika mu kiban kindi ngo nuko yoza aramenyesha ijambo ry’Imana

 

Related posts

“Concours National 2023”: Karusi niya mbere mu kumeyesha kubice 99,43.

Yvan Manager

UE BAZOTANGA 20.000.000€ MU GISATA C’INYIGISHO SHINGIRO.

Buja Media

Gitega: Ntamunyeshure agisubira guheba ishure.

Yvan Manager

Leave a Comment