InderoMumahanga

Donald Trump yashize umukono kw’itegeko ryo gukura burundu ubushikiranganji bw’indero.

Donald Trump yateye umukono kw’itegeko ryo gukura burundu ubushikiranganji bw’indero hari kuwa 20 Ntwarante uyu mwaka, Umukuru w’igihugu abona ko ifise uruhara ruto mu gisata c’ indero muri Amerika, gukurwa burundu kwayo ntivyogira ingaruka mbi ku mashure y’urwaruka rw’Abanyamerika.

Abari mu myiyerekano imbere y’ubushikiranganji bw’indero i Washington, D.C kuwa 14 z’ukwezi kwa gatatu 2025.

Ivyo bije mu gihe hamaze igihe Donald Trump avuze ko yipfuza kwirukana igice c’abakozi bakora bahakora biri muri bimwemuvyo yashira imbere igihe yariko ariyamamaza. Abakurikiranira hagufi amategeko afatwa amenyesha yuko iryo tegeko rishobora kutamworohera kumvo zuko abakenguzamateka basangiye umugambwe badashikana ivyo bice kuko ari 53 gusa ariko rizoja mu ngiro ribanje kwemezwa n’inama nkenguzamateka yico gihugu ku majwi 60 kw’ijana.

 

Abakurikirana hagufi iryo tegeko bashishikara bavuga ko atari ubwa mbere Trump agerageje gufuta ubwo bushikiranganji kuko no mu kiringo cambere yari yabigerageje ariko inama nkenguzamateka iravyamirira kure.

Related posts

Davis Cup: Uburundi bwandikishije kandi amateka meza muri Tennis yo muri Afrika.

Buja Media

Ihadabu ry’imiliyoni 10, sentare yaciriye umugore yabenze uwamurihiye kaminuza mu Buganda.

Buja Media

Israel yemeye igitigiri 1200 c’abapfuye mu gitero cakonzwe na Hamas.

Buja Media

Leave a Comment