Indero

Umwigeme atwaye imbanyi akwiye gukumirwa canke gufashwa?

Menya ivyashikira Umwigeme atwaye inda muri kahise n’inyifato ziranga imiryango yabo muri kubu abigeme batwara imbanyi bakiri bato bariho kw’isi yose no mu Burundi hatibagiwe . Muri abo hari abazitwara bakiri abanyeshure abandi nabo bashobora kuzitwara barahevye amashure. Muri ino nkuru Alexandre Shemezimana yanonosoye Ivyigwa vy’imibano akaba n’umunyamabanga wa Club de Sociologie de l’université du Burundi araducira Ku mayange mu bituma abigeme batwara inda,ingorane bahura nazo muri kahise eka mbere n’inyifato z’ababyeyi n’ikibano ciwe .

Icegeranyo gitangwa na ONU kirerekana ko kw’isi imiriyoni 16 z’abigeme bari hagati y’imyaka 15 na19 baratwara imbanyi. Ico cegeranyo nyene kirerekana kandi ko imiriyoni 2 z’abigeme bafise imyaka 15 bibaruka buri ku mwaka bakiri kuntebe yishure, tubisoma mu cigwa cakozwe na UNFPA, Ikigo ca ONU kijejwe abanyagihugu mu mwaka wi 2013. Aha mu Burundi iwacu abanyeshure barenga 1300 muri 2021 baratwaye imbanyi tubisanga mu cegeranyo catanzwe n’umugambi w’igihugu wo kurwanya umugera wa Sida PNSR, umugambi w’ igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza kw’ igenekerezo rya 22 kigarama 2022 .

Gutwara inda mu Burundi bwa none bigenda gute?

Naho hari itegeko rirekurira abigeme batwaye imbanyi ngo basubira ku mashure inyuma y’ ukwibaruka, n’ibake cane bashobora gusubira kw’ ishure. Nka karorero ibiharuro bitangwa n’ubushikirangaji bw’indero bitwereka ko mu mwaka w’ishure 2020 ushira uwi 2021 ku bigeme 1195 batwaye imbanyi 150 gusa nibo bashoboye kubandanya amashure. Ku ruhande rw’ abahungu 73 bagirizwa gutera imbanyi abigeme bari birukanywe muri 2019 ushira 2020 muribo 3 bonyene ni bo bashoboye gusubira mw’ishure. Tubisoma mu cegeranyo ca UNFPA-BURUNDI cashizwe ahabona muri 2022.

Ni ibiki bituma abigeme batwara inda z’indaro?

Imvo z’ibituma harimwo, ubukene, itituka ry’ imico y’ ikirundi, ubuhinga bwa none butuma abana barorera amareresi arimwo n’ivyerekana ubuzima ndoragitsina hakiri kare bigatuma baca baja mu bushurashuzi, ukutamenya uburyo bwo kwikingira imbanyi, abavyeyi bataganiriza abana babo ibijanye n’ irondoka kubera bifatwa nk ‘ibitavugwa (sujets tabous)hamwe n’ibindi biganiro bitakibaho Ubu.

Muti gute bitakibaho?

Aho hambere hariho umugenzo aho haba akiyago kubagize umuryango cane cane ku mugoroba (éducation traditionnelle du soir ). Uko vyagenda umwe wese mu bana yarayaga ivyo yiriwemwo, abana bakicara impande y’ abavyeyi ku ziko gutyo bakayagira abavyeyi ivyo babayemwo umusi wose. Bafatiye ku biyago vy’ abana niho abavyeyi baca imigani n’ ibitito kugirango bahakure inyigisho ngenderwako tubisoma mu gitabu Education et Culture canditswe na Philippe Ntahombaye mu 1983.

Ivyashikira uwutwaye inda y’ indaro aho hambere nkuko vyandikwa na Jean Baptiste Bigangara mu gitabu :“Pour une anthropologie de la famille et du mariage traditionnel au Burundi”  Iyo umwigeme atwaye inda abavyeyi canke ikibano bagira inyifato zitandukanye. Muri zo harimwo ukudatahurwa kubera aba avyaye atarubaka urwiwe. Yafatwa nk’ igicibwa. Ikivyerekana n’uko Iyo bimenyekanye ko umukobwa yakoze ubuhumbu agatwara imbanyi yakubitirwa gupfa. Ugutwara inda ku mukobwa vyafatwa nk’icaha gikomeye vyarashobora no gutuma atabwa mw’ishamba canke akavumwa n’abavyeyi. Bbitagenze uko naho baca bamwubakira akazu gatoya inyuma kuko carazira ko aja mu kibanza ahuriramwo n’abandi ,ntiyasubira kw’imosha umushatsi,ivyo yashaka vyose yabikorera mu kibanza ciwe yateguriwe. Baramubuza guhura n’abantu canke n’ibitungwa bitwaje ko vyohava bihura n’ingorane.

Mu gihe ca none hoho bigenda gute?

No mubihe vya none umwigeme agatwaye imbanyi arashobora guhura n’ingorane zitari nke harimwo ko ashobora guca yubaka hataragera canke agahagarika amashure. Mu muryango kandi arashobora aboneka nk’igicibwa bigatuma ahatirizwa kuja kwubakana n’uwamutwaje iyo mbanyi naho yoba atavyiteguriye tutibagiye ibitutsi atukwa n’abavyeyi.Umukobwa yibungenze atukirwa hamwe na nyina nakare ngo indero mbi y’umukobwa itukwa nyina. None iyo umukobwa bishitse agatwara imbanyi mbega yobwirizwa guca ashinga urugo n’uwamutwaje iyo mbanyi? Mbega inyuma yugutwara imbanyi umwigeme ntiyoshobora kubandanya arerwa kandi abavyeyi bakamwitaho kugira ngo nawe ashobore gutegura kazoza ?

Related posts

“Concours National 2023”: Karusi niya mbere mu kumeyesha kubice 99,43.

Yvan Manager

Ihiganwa ryo kwandika igitabo ku ncuro ya mbere, rizotunganwa n’uruganda rwo gusoma ibitabo.

Yvan Manager

Singirankabo Prosper yiga afise imyaka 57, akarorero mu gukunda ivyigwa.

Yvan Manager

Leave a Comment