Imyidagaduro

“Festival Canal Comedy Buja 2023” : Iminsi 3 yo gutwenga mu gisagara ca Bujumbura.

Abakunda kuryoherwa mu Burundi bagiye kugira iminsi 3 yo gutwenga ivyo bikazotuma ishusho ryiza ry’Uburundi rishika kure mu rukurikirane rw’ibikorwa bidasanzwe vyateguwe n’ikigo ndangakaranga c’abafaransa mu Burundi( Institut Français du Burundi) gifadikanije n’amashirahamwe amw’amwe nk’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi(EU), Ubumwe bw’Ubusuwisi (Coopération Suisse), ishirahamwe Canal+ murivyo bikorwa bizobera ngaha mu gisagara ca Bujumbura bikozobera mu nyubakwa ry’ishure rya Bafaransa ku magenekerezo ya 17 gushika 20 Ndamukiza.

Michael Sengazi azoba ari umwigisha kandi akore igiteramo.

Nkuko abategura iryo sabukuru rya mbere babibwiye Buja FM, yuko hari urukurikirane rw’ibikorwa harimwo vyo kwigisha bagatanga ubumenyi kubarundi 21 biciye mu nyigigisho zizomara iminsi 10 kuva igenekerezo rya 11 gushika 19 Ndamukiza bazohabwa n’abahinga babigize umwuga mu gutweza harimwo Valery Ndongo ava mu gihugu ca Cameroun n’umurundi Michael Sengazi mu kigo ndangakaranga c’ Abafaransa mu Burundi.

Valery Ndongo azoba ari umwigisha kandi akore igiteramo (Isanamu ahejeje gushika mu Burundi).

Murabo 21 bazoronka inyigisho harimwo abarushije abandi bavuye mu ntara ya Gitega. Murivyo biteramo vy’iminsi 3 bizoza biratagura isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba(18h) kw’isaha yo mu Burundi bikazotangurwa n’ibikino(Sketchs) imbere y’abarorerezi bashika amajana ane na mirongo itanu(450), azoba ari ibikino  2 bazoba bariko barahabwa inyigisho.

Hazoca haba ikindi gice gikomeye cane gose c’abandi bahinga batandatu (6)badasanzwe mu gutweza harimwo Michael Sengazi, Alfred Aubin Mugenzi (Kigingi) w’umurundi, Samia Orosemane(France), Valery Ndongo(Cameroun), Sandrine Viglino(Suisse), Oumar Manet(Guinée) bakazokwinjira ku mafaranga ibihumbi bitanu.

Batanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru bavuga Festival Canal Comedy Buja 2023.

K’uruhande rwa Michael Sengazi yabwiye Buja FM yuko gutwenga bituma abantu baruhuka bakibagira ibibazo barimwo nk’akarorero yavuze kububakanye ikindi gishasha cane kizobonekamwo muriryo sabukuru nuko bazobifashwamwo n’inzu idandaza amasanamu Canal+ bakazozerekana .

 

Related posts

Abaririmvyi bi Ngozi bashizeko ikimenyetso kumva ya Saïdi Brazza kugira ntihazimangane.

Yvan Manager

Vichou Love yagarutse avuye muri Quatar mu bikorwa yafashijwemwo na Dream House.

Yvan Manager

Ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru bwatanze ibikoresho kubinyamakuru.

Yvan Manager

Leave a Comment