Ubutunzi

Abenegihugu bo hagati mu gihugu bataguye gutwara inoti guhiduza kuma zone.

Intara zo hagati mu gihugu harimwo Gitega na Bubanza bataguye kwakira amahera y’abenegihugu bayatwara kuma zone babako nkuko batewe akamo n’ubushikiranganji bw’umutekano bubasaba mu ntumbero yo gufasha abeniguhugu gutora inoti z’ibihumbi 5 n’ibihumbi 10 zahagaritswe kugira bazozivunjirwe bitagoranye.

Nkuko ayo makuru tuyakesha imbunga ngurukana bumenyi zizo ntara, ivyo bikorwa vyataguye gukorwa uyu munsi bihagarikiwe n’abajejwe intwaro n’umutekano murizo ntara. Iyo ngingo bayifashe kubera hibonekeza abantu batari bake batonda umwanya munini barindiriye  murayo ma banki guhinduza izo noti.

Ivyo biruko mu gihe ibanki nkuru y’igihugu yatanze iminsi 10 gusa kugira abazoba bafise izo noti bazobe bazisubije zose, ibanki BRB yafashe iyo ngingo kumvo zuko hari haheze imisi hibonekeza ubukene bwizo noti mu ma banki hamwe no mu ma Microfinance. Ikiringo kizohera igenekerezo rya 17 Ruheshi uyu mwaka.

Related posts

Rusasuma igira 4: Bikuru bikuru vyerekana itandukanye n’izimaze kuba.

Yvan Manager

Brarudi yashize kw’isoko Amstel Bright ikinyobwa gishasha.

Yvan Manager

SOSUMO izotanga amatoni 1500 y’isukari muri Nyakanga 2023.

Yvan Manager

Leave a Comment