Politike

Ngozi: Buramatari mushasha ni inde?

Minani Désiré yemejwe n’inama Nkenguzamateka  kuba Buramatari w’intara ya Ngozi yatowe ku majwi ijana kw’ijana, yavukiye ku mutumba Gatika, Zone Rukeco, muri komine Busiga mu ntara ya Ngozi. Afise impamyabushobozi mu vyigwa vy’ubutunzi kuri Kaminuza y’Uburundi. Afise kandi Impamyabushobozi ya Mastère mu vyigwa vyo gutunganya imigambi.Yarakoze mw’ihinguriro Brarudi , arakorera mw’ishirahamwe Burundi Brewery. Mu nyuma yaciye atangura gukora ivyiwe, uwo bita umu Consultant. Bivugwa ko yagize mu kuvukisha Cooperative AJADEBU, hamwe na Cooperative Sangwe. Image
Mu gisata c’ubuvuzi, amakuru twaronse avuga ko uwo agiye kuba buramatari mushasha w’intara ya Ngozi afise ivuriro ryigenga ryo ku rugero rwa Clinique riri mu Ntara ya Bubanza.
Désiré Minani azoba abaye buramatari agira gatatu arongoye intara ya Ngozi mu kiringo kidashika imyaka itanu.
Image
Hon.Emmanuel Sinzohagera Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.
Izina ryiwe ryemejwe kugira ngo asubirire Emmanuel Ntaconsanze yahora arongoye iyo ntara. Mu nama iheruka kubera mu ntara ya Gitega, Umukuru w’Igihugu akaba yari yamuneguye kubona ataratanga imihoho kandi hibonekeje ubunenge mw’itangwa ry’isukari mu ntara iwe. Insiguro yatanze ntizanyuze Umukuru w’Igihugu.

Related posts

Abatari bake bakeje Angeline Ndayishimiye agiye gutwara Ishirahamwe MIPREDA.

Yvan Manager

Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu mushasha ninde?

Yvan Manager

Igihugu ca Somalie cemerewe kwinjira mu muryango wa EAC.

Yvan Manager

Leave a Comment