Zidafise Umuce

Paul Kagame azokwitoza ikiringo ca 4, mu matora mu 2024.

Paul Kagame agiye gusubira kwitoza mu matora mu kiringo kigira kaneĀ  mu matora azoba mukwezi k’umunani mu mwaka uza 2024 nkuko yabibwiye ikinayamakuru Jeune Afrique co mu Burafansa yabitanganje mu riyi ndwi. Paul Kagame yaremeye yuko azokwiyamamaza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu mu mugambwe FPR Inkotanyi asazwe ari nawe awutwara .

Muri ico kiganiro n’ umumenyeshamakuru w’ umufaransa FranƧois Soudan, Paul Kagame ati: Ā “Ndaryohewe n’icizere Abanyarwanda bafitiye, nzobakoreraĀ  iminsi yose mu gihe nzoba nkibishoboye, ndabizi kandi nzokwitoza”

Jeune Afrique isubiramo amajambo ya Kagame yishuye ati: “Uburengerazuba bwihangane, ariko ivyo ibi bihugu vyo mu burengerazuba uko vyiyumvira si ikibazo cacu. Kuri jewe, sinkimenya ibihuye n’indangagaciro z’uburengerazuba. Demokarasi ni iki? Ni igihe, burengerazuba butegeka abandi ivyo bakwiye gukora? Ariko iyo uburengerazuba barenze ku mategeko yabo bwite, ni gute twabatega amatwi? Gushaka gushinga demokarasi mu kw’undi muntu, ivyo ubwavyo biba vyamaze kuba ihonyarwa rya demokarasi ubwayo.

Ashishikara amenyesha yuko abanyagihgu nibo bategerezwa ibintu ku murongo bonyene “Abanyagihugu bakwiye kuba bigenga kandi bagomba kugira uburenganzira bwo gushira ibintu vyabo ku murongo uko bavyifuza.”

Mwomenye yuko Paul Kagame afise ‘imyaka 65, amaze imyaka 23 ku butegetsi. Yataguye gutwara umugambwe FPR kuva muri 1998. Mu 20217 Paul Kagame yatsinze amatora ku majwi 98.8%

Related posts

Niger watangaje kugiye kuburanisha Prezida Mohamed Bazoum baheruka gutembaza ku butegetsi.

Yvan Manager

Impusha z’amashirahamwe yo kwunguruza abantu mu miduga zirahagaritswe.

Buja Media

Gasape agiye gushiraho ikarata simu ifise interinete y’umuvuduko munini.

Yvan Manager

Leave a Comment