Imibano

Ihayanishwa ry’amafoto 289 nk’ikimenyetso c’ubutumwa bw’amahoro.

Amafoto 289 y’abantu batandukanye yari mw’ihayanishwa mu mugambi w’ubumwe bwa Buraya bise Inside Out yaramanitswe kubiro vy’ubuserukizi bw’ubumwe bwa Buraya ngaha mu Burundi nk’ikimenyetso co gutanga ubutumwa bw’amahoro hari igenekerezo rya 21 Nyakanga aho isi yose yahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro. Mu Burundi, ico gikorwa kikaba cashinzwe mu ngiro n’ikigo ndangamico c’abafaransa barikumwe na HCR. Ayo mafoto yafashwe n’umufaransa JR.
Murayo mafoto amanitswe ku ruhome rw’inyubakwa Old Est ikoreramwo ubumwe bwa buraya mu Burundi, harimwo amafoto y’abarundi bahunze n’abatahutse ndetse nabo mu gihugu kibanyi ca Kongo bahungiye mu Burundi ndetse n’abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu bitaho impunziHCR .Muriryo hanishwa,hari amafoto y’impunzi z’abarundi zahungutse hamwe n’izabakongomani zakiriwe mu Burundi. Amasanamu yafashwe n’umufaransa JR biciye mw’ihayanishwa « Unis pour la paix» mu ntumbero yo kumanika izo foto aho abantu bose babona kugira batange ubutumwa bw’amahoro.
Umwe murabo bafotowe amanitse ngaho yateye akamo kuwo bosaba yuko nawe bomanika ifoto yiwe atogira ubwoba ntaho atavyo twari tumenyereye ngaha iwacu kubera ari umugambi mwiza wo kwerekana amahoro yuko ahari kandi yotsimbatara muri kano karere ndetse no kwisi yose.
Ivyo biruko mu gihe abantu bashika imiriyoni 89,3 bataye izabo kubera intambara zitandukanye zikunda gushika mu kibano n’ibihe vy’ibiza n’isibe.
.

Related posts

“Banyagisagara,twirinde ibihuha kuko bisamaza” Dr Sabine Ntakarutimana

Yvan Manager

UMUKENYEZI YAGIZE URUHARA MUKUGARUKANA AMAHORO.

Buja Media

Igikorane “Connect Africa Conference 2023” cahagaritswe n’ubushikiranganji bukurikirana ivy’amashengero.

Yvan Manager

Leave a Comment