Zidafise Umuce

Abana 42 bo mw’ibarabara batwawe mu kigo cegeranirizwamwo mu Cankunzo

Abana 42 bo mw’ibarabara n’abandi biyerereza irya n’ino mu Gisagara ca Gitega 42 bajanwe mu kigo co mu ntara ya Cankuzo cegeranirizwamwo mwene abo bantu mu ntumbero yo kubahugura no kubitaho ngo bashobore kuba abantu bagendera ubuntu.Urwo rwaruka rwajanywe muri iyi ndwi iheze inyuma y’umukwabu abajejwe umutekano barikumwe n’abajejwe intwaro bagize mu gushira mu ngiro umugambi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Gihugu.
Muri bo harimwo 37 bo mugisagara ca Gitega na 5 bo muri komine Bukirasazi.Hussein Butoyi arongoye zone Gitega arashima iyo ngingo kuko izotuma abantu bari bameze iminsi bibwa mu mazu, mu miduga, mu bibanza vy’idandarizo n’ahandi biruhutsa na cane cane ko akenshi wasanga murabo basuma hagwiriyemwo abo bana. Nkuko aya makuru tuyakesha intara ya Gitega, bamenyesha yuko abo bana babaye nk’ivyihebe biturutse ku nzoga zikaze bihereza hamwe n’ibindi biyayuramutwe.«Abana bavyihereza Usanga barabaye ivyihebe»
Ngo ntaco bacera, bageze aho usanga mu kwiba imiduga bagarara impande yayo we waja kwugara nabo bagasegura karya bugururirako imodoka ukagenda uzi ngo wugaye kumbe uruguruye, bagaheza bakiba bagaca bugara. Abo bana baravugwa kandi cane mukwenena imiduga , bakayisahura ibirimwo vyose inyuma, nk’uko vyama vyabaye kuri benshi mubiyunguruza bashize utwabo inyuma.

Related posts

Miss Burundi: Amazina 26 yabagiye mu 1/2 c’ihiganwa.

Yvan Manager

Kirundo: Umushikiranganji w’ Ubutungane yagize inama ku kibazo ca Christella Ndayishimiye cabuze inyishu.

Yvan Manager

Impusha z’amashirahamwe yo kwunguruza abantu mu miduga zirahagaritswe.

Buja Media

Leave a Comment