InkinoMuburundi

Umurundi Thilo Kehrer akina AS Monaco yaje gukurikirana imigambi akorera mu Burundi.

Thilo Kehrer umurundi akina muri AS Monaco yaraye ashitse mu gihugu c’Uburundi afise umunezero mwinshi kugaruka iwabo kuri we ahakundira akayaga ko mu Burundi kari mu bimuryohera. Mu bintu bikuru bikuru bizanye uyo mukinyi mpuzamakungu ngo harimwo kuruhuka no kurabira ibikorwa vy’ikigo gifasha urwaruka yatanguje kiri mu ntara ya Gitega Fondation no kubonana n’abarongozi bamwe bamwe mu nzego z’inkino kugira arabe ko harico yoterera mu bijanye no gushigikira urwaruka rufise ingabirano.
Yashitse mu masaha yo mw’ijoro yejo hahise kuwa 18 Ruheshiku kibuga c’indege Melchior Ndadayem rigira 3 agarutse mu Burundi, mama wiwe niwe afise amamuko y’Uburundi akagira se z’umudagi, yagiye kuba mu mahamga akiri muti cane nkuko nawe avyemera. Yazananye na se wiwe, umukunzi barikumwe n’abandi batandukanye bamuherekeje.
Mwomenye ko Thilo Kehrer akinira umurwi nserukiragihugu c’Ubudagim yaciye mu mirwiyaraciye mu migwi ikomeye ya Paris Saint Germain na West Ham United

Related posts

Flambeau du Centre iraganije, Aigle Noirs yatakaje amanota 3.

Buja Media

Divine Light yashize ahabona indirimbo nshasha yise “Ni Mwema”

Buja Media

Fofila PF: Saidi Sakina yatsinze ibitsindo 13 wenyene, yaciye he?

Buja Media

Leave a Comment