Patrice Motsepe yasubiriye gutorwa kandi gutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika (CAF) mu kiringo c’imyaka 4 kuva 2025 gushika 2029 mu nama ya bose igira iya 14 yabereye mu gisagara ci Cairo muri Egiputa, ejo hahise kuwa 12 Ntwarante 2025 mu gihe yari yitoje wenyene. Muriyo matora yari yatewe iteka na Gianni Infantino atwara ishirahamwe ry’umupira wa maguru kwisi ”FIFA”.Â
Patrice Motsepe afise ubwenegihugu bwa Afrika y’Epfo, yashikiriye ayo mabanga kuwa 12 Ntwarante 2021 y’ikiringo ca mbere, harabonetse iterambere rinini muri CAF nk’akarorero muri CAN iheze, agaciro k’ico gikombe kariyongereye ibice 40 kwijana (40%), Côte d’Ivoire yatahukanye igikombe yahawe imiriyoni 7 z’amadorari mu gihe Sénégal yari yahawe hafi imiriyoni 5 z’amadorari muri CAN 2022.
Arongoye CAF, Patrice Motsepe, muvyo yashize imbere harimwo ko ibihugu vyose vya Afurika bishobora kwakira imikino mpuzamakungu, muvyo yashikirije mu bihugu 38 hari 12 gusa batakira inkino mpuzamakungu : “Ubu dufise ibihugu 12 batakira inkino iwabo, ubwa mbere 38, turipfuza yuko bose bashobora kwakira izo nkino bafise ikibuga gisanzwe ariko bakakira inkino z’imirwi y’iwabo gusa.
Motsepe yarondeye ukwo CAF yokwinjiza amafaranga menshi mu gusinya amasezerano nama sponsors atandukanye.

Muri nzego nyobozi za CAF, barashizemwo Samuel Eto’o afise imyaka 44 yatowe nk’uwuri mu runani rw’amashirahamwe y’umupira w’amaguru yo muri Afrika yo hagati (Uniffac).
-Amazina mashasha y’abagiye mu nzego nyobozi za CAF ni : Walid Sadi (Algérie), Wallace John Karia (Tanzanie), Kurt Okorako (Ghana), Bestine Kazadi (Congo), Mustapha Raji (Liberia), Samir Sobha (Maurice), Sidat Feizal (Mozambique), Samuel Eto’o (Cameroun).
-Abahagarariye CAF batandatu mu nama ya FIFA ni : Djibrilla Hima Hamidou (Niger), Fouzi Lekjaa, (Maroc), Souleiman Hassan Waberi (Djibouti), Hany Abou Rida (Égypte), Ahmed Yahya (Mauritanie), Kanizat Ibrahim (Comores).
Ivyo biruko mu gihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika (CAF) yataguye gukora kuwa 10 Ruhuhuma 1957, igizwe n’amashirahamwe y’inkino 54 yo muri Afrika, ifise icicaro muri Egiputa (Egypte).