Inkino

Les hippos igiye gutegura ihiganwa y’imirwi yo mu mashure yisumbuye.

Umurwi wa Les hippos ugiye gutegura ihiganwa n’ imirwi iri mu mashure yisumbuye kugira babandanye bafasha mw’iteramnbere ry’urwaruka mu kubakundisha urukino rwa basketball nkuko biri mu myitwarariko yabo. Vyashikirizwe mu nama ya bose yabaye kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2023 bahimbaza umusi bise “Hippos Day”.

Team Bébéto 79-68 Team Mando

Ico gikorwa co gukundisha urwaruka ruri mu mashure yisumbuye ari hafi yaho, Les hippos ugirira imyimenyerezo muri karitiye ya Kigobe, nivyo bagiye gukora imbere yuko uyu mwaka w’ishure uhera, nkuko vyemezwa n’uwutwara uwo murwi Bonaparte Nijirazana yabibwiye Buja Fm  ngo: “Tugiye gukorana n’amashure yegereye aho dukorera, tuzotegura ihiganwa hagati yabo, abazotsinda tuzobaha ibikoresho vyo gukina, ubushimye imbere yuko umwaka w’ishure uhere mu ntumbero yo kubakundisha uwo mukino”.

Team Arsène 79-68 Team Anthomy

Twashatse kumenya ivyo bazokwisunga kugira batore ayo mashure, Bonaparte.N yamenyesheje yuko iryo shure rizoba rifise umurwi w’ishure usanzwe uriho haba uwa bakobwa canke abahungu. Kuyandi mashure atari muri komine Ntahangwa bazokwipfuza kwitabira iryo higanwa, umurwi wa Les hippos uzoca uvugana n’uwundi murwi ukorera ibikorwa hafi yiryo shure hama bavugane ukuntu bosangira ico gikorwa.

Twipfuje kumenya yuko uwo murwi inyuma yo kuzoronka imirwi y’abakobwa ifasha ko ata mugambi wo gushiraho muri kazoza ka vuba umurwi w’abigeme ubakukira, Bonaparte  ngo: “Erega no mu mvubu harimwo imvubu ziri mu bwoko nkubwo ati nta nkeka ugiyeho dusaba abavyeyi kuduha abakobwa babo tubakundishe Basketball.”

Muriyo nama ya bose hari ibintu 6 bikuru bikuru barabiye hamwe:

1/ Kuraba ivyo bakoze mu myaka 2 iheze.

2/ Kuganira imigambi yo muri kazoza y’imyaka 2.

3/ Kuraba uko bashitseko mu bijanye n’ubutunzi, umubano n’ubuhinga bwa none.

4/ Gukomeza imirwi y’abakiri bato (U18, U16 na U14)

5/ Gushira ku gihe amategeko angenga umurwi.

6/ Gutora inzengo zishasha.

Kuri uwo musi, inyuma y’inama ya bose, urwaruka rukina mw’ihiganwa rya basket barakinye hagati yabo aho umurwi wa Bébéto watsinda umurwi wa Mando kuri (79-68) no kuruhande rw’abakunze barenza imyaka 35, umurwi wa Arsène batsinze umurwi wa Anthony (50-45).

Ikimenyetso gishasha c’umurwi.

Muri  kazoza ka kure umurwi wa Les hippos uripfuza gukwira mu ntara zose bashinga imirwi ibakukira kugira bafashe kurerera mu nkino urwaruka rw’ Uburundi.

Mu 1987, niho les hippos yavuka bari basanzwe bakinira musi y’insamirizi y’igihugu ariho hahora haza imvubu zije kurisha zigasanga abataguye uwo murwi bariko barakina mu mutekano ntangere niyo nkomoko yiryo zina.

Related posts

Umugwi wa Interstar ubaye umugwi wa mbere mu Burundi ugiye kumenyerezwa n’umupfasoni

Yvan Manager

Intumwa zidasanzwe za FIFA zashitse ku kibuga Intwari.

Buja Media

Muso Sugar muri Primus League Burundi.

Buja Media

Leave a Comment