Umurwi w’abigeme nserukiragihugu Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 17 barasezerewe batsinzwe 3 ku 0 n’umurwi wa Côte d’Ivoire ku mugoroba w’ejo hahise ku kibuga Félix Houphouët Boigny. Gutakaza urwo rukino vyatumye Uburundi busezerwa ubutarariye mu kurushwa ibitsindo 4 nuwo murwi, intamba zikagira 3 gusa mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira igikombe c’isi c’abigeme batarenza imyaka 17 kizobera muri Maroc hagati y’amagenekerezo ya 17 Gitugutu na 8 Munyonyo uyu mwaka. Mu rukino rw’ibanze Intamba zatsinze 3 kuri 1.

Mu makuru dufise nuko imbere yurwo rukino umumenyereza Koudougnon Adélaïde yari yijeje aba nya Côte d’Ivoire ko bagiye kubona umugwi utandukanye n’uwo babonye mu rukino rw’ibanze. Inyuma y’urwo rukino, yagize ati : “Twakoze amakosa yadukozeko cane.Tugiye kuraba amakosa twakoze kandi tuzogaruka dukomeye cane, tuyakosore. Aba nya Côte d’Ivoire bazobona uwundi mugwi »
Izo nkino zose zabereye murico gihugu kumvo zuko Uburundi budafise ikibuga gikwije ibisabwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF.