Amatoni 686 y’isukari azotangwa muri uku kwezi kwa gatatu mu ntara ya Bujumbura nkuko vyemezwa n’ ihinguriro Sosumo riritanga, ikamenyesha yuko igisagara ca bujumbura gifise abadandaza bakuru bakuru baraguza bayiha 315 muma zone 13 yose ahagize. Sosumo ikemeza yuko komine Ntahangwa ariyo izoronka amatoni 366 kubera ifise amazone 6 kuruta izindi.
Nkuko ayo makuru tuyakesha imwe mu binyamakuru bikorera mu Burundi, Sosumo iratanga ibiharuro vy’amatoni batanga kuri zone yose, komine Ntahangwa izohabwa amatoni 366 ifise abadandaza 175 baraguza muri zone 6 bazoziha uku gukurikira:
1/ Kinama: 88T
2/ Gihosha: 88T
3/ Ngagara: 64T
4/ Buterere: 43T
5/ Kamenge: 45T
6/ Cibitoke: 35T
-Komine Mukaza abadandaza baraguza bazoronka isukari ni 72, bazobaha 166T :
1/ Rohero: 76T
2/ Nyakabiga: 33T
3/ Bwiza: 24T
-Komine Muha abadandaza baraguza baha isukari ni 68, bazobaha 153T :
1/ Kanyosha: 77T
2/Â Musaga: 50T
3/ Kirundo: 25T
Mwomenya ko Sosumo ishikiriza abajejwe intwaro nabo bagakurikirana uko idandazwa ikindi nuko ikiro c’isukari ya Sosumo catanzwe n’ubushikiranganji bwo kudandaza kigurishwa ibihumbi 6 mu gihugu cose.