Politike

Ibintu bikuru bukuru,Varisito Ndayishimiye yakoze mu nama igira 5 ihuza ONU n’ibihugu bitaratera imbere.

Umukuru w’ Igihugu Varisito Ndayishimiye ari kumwe n’ Umutambukanyi wiwe, yaganutse ava muri Qatar, aho yari yitavye inama igira 5 ihuza ONU n’ ibihugu bitaratera imbere. Yasavye Abarundi kugwiza umwimbu, gurtyo bahingure bongere bashorere hanze y’ igihugu ibiva mu butunzi kama igihugu gifise.

Ibintu bikuru bukuru, Umukuru w’Igihugu Evarisito Ndayishimiye yakoze:

Varisito Ndayishimiye aganiriye na Khalifa Alkuwari, umuyobozi mukuru w’ikigo ca Qatar kijejwe iterambere.

1.Ikigenga c’iterambere co mu gihugu ca Quatar cariyemeje gushigikira Reta y’Uburundi mu rugamba rudasanzwe rwo kuzamura ubutunzi bw’igihugu, kigashimishwa nuko hagiye gushingwa umurwi w’abahinga ugizwe n’impande zose, uzokwiga ivya nkenerwa n’imigambi yoshirwa imbere, kugira ironswe ibikenewe n’uburyo.

2. Iruhande y’urugendo rwiwe rw’akazi i Doha muri Qatar, Varisito Ndayishimiye yaraganiriye Khalifa Alkuwari, umuyobozi mukuru w’ikigo ca Qatar kijejwe iterambere, aho bayaze ku bisata nyamukuru vyoshimikirwako mu gufashanya, nk’ic’indero, amagara y’abantu, uburimyi n’ic’inyubako.

Varisito Ndayishimiye Umukuru w’ Igihugu c’Uburundi

3.Muri iyo nama ijanye n’ iterambere ry’akarere n’ urudandazwa mpuzamakungu vyo mushinge w’ iterambere ridakumira; kabaye akaryo kuri Umukuru w’ Igihugu ko kugaruka ku ngorane z’ibihugu bidashika ku mabahari nk’Uburundi, agasaba ko hotsimbatazwa ugukorana hagati y’ibihugu.

4.Mu nama yo ku rwego rwo hejuru asanzwe yari no mu bayirongoye, yitavye kandi n’ Umutambukanyi wiwe wiwe yibukije ingorane ibihugu bitaratera intambwe y’ iterambere bigira, kugira vyinjire mu muhora w’ urudandazwa mpuzamakungu.

Varisito Ndayishimiye na Philip Mpango, icegera c’Umukuru w’ Igihugu ca Tanzania mu kiganiro co mu mwiherero.

5. Umukuru w’ Igihugu yari mu barongoye inama yo ku rwego rwo hejuru, ijanye no “gukomeza urudandazwa mpuzamakungu n’urwo mu karere”, mu bihugu bitaratera intambwe mw’iterambere, anarongoye Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC, yaganiriye mu mwiherero na Nyakwubahwa Philip Mpango, Icegera c’Umukuru w’Igihugu ca Tanzania.

Varisito Ndayishimiye yaganiriye n’ Umwami w’ Igihugu ca Qatar

6. Varisito Ndayishimiye yaganiriye n’ Umwami w’Igihugu ca Qatar, aho bayaze ku cokorwa kugira imigenderanire isanzwe iri hagati y’Uburundi n’ico gihugu itsimbatare. Bavuganye no ku bijanye n’umutekano mu karere k’ibiyaga binini, n’ico Qatar yoterera.

Varisito yitabiriye ibirori vyo gutanguza icese, ibikorwa vy’inama igira 5 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

7.Umukuru w’ Igihugu amenyesha ko Uburundi bwipfuza kugira umugambi wo gushira mu ngiro ingingo zose zizofatwa, bikazoshirwa mbere no mu migambi y’igihugu y’iterambere.

8. Mu ntererano yiwe, Umukuru w’ Igihugu yaneguye kandi ibihano vy’akarenganyo vyagiye birafatirwa ibihugu bitaratera intambwe mw’iterambere, nkuko vyagenze ku Uburundi mu mwaka wi 2015, ivyo bihano bikagira ingaruka mbi ku butunzi n’ imibano, ibizingamika cane ivyo bihugu. Yaboneyeho akaryo ko gusaba abafasha mw’iterambere gucisha bene izo mfashanyo mu vya nkenerwa vy’ ukuri mw’ iterambere ry’ ivyo bihugu

 

Related posts

Umukuru w’Igihugu mw’ihuriro ry’urwaruka.

Yvan Manager

Umukuru w’igihugu yuguruye icese urumuri rw’amahoro rugira 17.

Yvan Manager

Abatari bake bakeje Angeline Ndayishimiye agiye gutwara Ishirahamwe MIPREDA.

Yvan Manager

Leave a Comment