Ubutunzi

“Abadandariza ngo barasiguriwe ibijanye n’ibiciro bishasha” Carine Kamikazi

Ibibanza biri mw’isoko Bujumbura City Market benshi bita kwa Siyoni vyaradugijwe ibiciro hafi incuro 2 nkuko vyemezwa n’abamwe badandariza muriyo soko, Carine Kamikazi ajejwe ubutunzi muri iyo soko yamenyesheje ko impamvu nyamukuru yatumye ibiciro biduga ari itunganywa neza ry’isoko,iduzwa rusangi ry’ibintu bigize ubuzima bw’igihugu hamwe n’iduzwa ry’amakori n’amatagisi navyo vyadugijwe munteguro nshasha y’amafaranga reta iriko irakoresha.
Peut être une image de 3 personnes
Carine Kamikazi ajejwe ubutunzi muri iyo soko BCM.
Carine atanga umuco kw’iduzwa ry’ibiciro bishasha baheruka gushiraho nk’akarorero ikibanza bahora bariha ibihumbi 350 harimwo itagisi nyongeragaciro TVA yangana ibihumbi 472 ariko kubera iyo ndinganizo nshasha azoca ariha ibihumbi 708. Abahakorera bafise amakenga ko ibintu bizoca biduga mw’isoko, babona ko mu gihe ibintu vyoduga batazosubira kuronka abaguzi. Basaba ko iyo ngingo yosubirwamwo. Kubwa Carine Kamikazi yashikirije yuko ivyo biciro babishizeho babaje kugira inama n’abahakorera akamenyesha yuko ibibanza bitangana, bidatunganije kumwe kandi bidaherereye hamwe ko ariyo mpamvu n’amafaranga yadugijwe atangana.
Peut être une image de 3 personnes et texte
Bamwe mu badandaza batakiriye neza iyo ngingo ngo uretse ko inyungu bahora babona ubuho bigiye kunyuka kuko batazoronka ayo bariha eka ngo ni nko kubirukana, bagiye kubiheba kuko batokora kandi babona atakunguko. Bakaba basavye reta ko yovugana n’abarongoye iyo soko kugira ibiciro bigabanuke.
Carine Kamikazi amenyesha ko ata muntu azana ibidandazwa vyiwe,agakota aho akorera abona ko atazokunguka kanatsinda ngo ntawurasubiza ikibanza, yongera ko n’ibintu vyinshi nabo bakenera vyaduze.
Mwomenya ko iri duzwa ry’ibiciro rishasha rije mugihe ata kiringo c’umwaka cari bwahere habaye iduzwa ry’ibiciro ari navyo bahorako. Iryo soko rifise ibibanza 1500.

Related posts

N.Gervais ahamagarira abenegihugu kubika amahera muri Twikangure Microfinance, bakayakura mu mazu.

Yvan Manager

Abenegihugu bo hagati mu gihugu bataguye gutwara inoti guhiduza kuma zone.

Yvan Manager

“Abarimyi ntibihutire gutera” Umushikiranganji ajejwe uburimyi.

Yvan Manager

Leave a Comment