Inkino

Cecafa Champions League: Buja Queen’s mu 1/2 finale.

Umugwi wa Buja Queen’s waserukiye Uburundi mw’ihiganwa rya Cecafa Champions League waraye uronse uburenganzira inyuma yo gutsinda ibitsindo 2 kuri 1 umurwi wa FAD FC. Izo nkino ziriko zibera muri Uganda i Njeru. Ibitsindo vya Buja Queen’s vyinjijwe ku monota wa 75 na Ruth Ingosi, ku monuta wa 88 Topister Situma na Nadia Nour ku monota 85. Baciye bafata ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza mu muce barimwo wa A, baca baronka uburenganzira bw’ugukina igice ca kabiri gishira ica nyuma, bazoca bahura
na JKT Queen’s yo muri Tanzania.
Peut être une image de 6 personnes, personnes jouant au football, personnes jouant au foot et texte
Mu nkino 4, Buja Queen’s ifise amamuko muri zone Buyenzi bakinye, batsinze 3 batsindwa 1:
-CBE 2-1 Buja Queen’s
-Buja Queen’s 1-0 Yei Joint Star
-Campala Queen’s 1-2 Buja Queen’s
-Buja Queen’s 2-1 FAD FC
Peut être une image de 7 personnes, personnes jouant au foot, personnes jouant au football, herbe et texte
Umurwi w’abigeme Buja Queen’s, tubiravye neza intsinzi bariko barazana n’ ibikorwa vyabo n’ intunganyo nziza ufise nkuko bishikirizwa n’ abakurikiranira hagufi inkizo z’ abigeme kuko warazanye n’ abakinyi batari bake biyongeye kubo bari bafise, amakuru atakuko bafise n’ uwuyatanga, amafoto ku mukinyi wese wipfuza urashobora kuyaronka, amakuru yose wipfuza aratangwa, ibikoresho Ku bakinyi ( équipement ) birahari,ufise umuganga,Staff ikwiye.
Peut être une image de 3 personnes, personnes jouant au foot, personnes jouant au football, herbe et texte
Muri make tuvuzeko uyu mugwi woshobora kubera akarorero imigwi myinshi ngaha iwacu haba muri PLB co kimwe na LWL,ntitwoba twihenze.
Uwuzotahukana igikombe muri izo nkino za Cecafa, azoca azaguhura n’abandi babaye aba mbere mu burere muri Champions League mu bapfasoni muri Africa.

Related posts

Francine Niyonsaba nabo barikumwe baterereye imifuko 68, yubaka ikibuga Intwari.

Yvan Manager

Ihiganwa ry’Afrika: ‘’Imyiteguro iriko igende neza kandi igeze kure’’.

Yvan Manager

HANDABALL U19: Uburundi buri mw’itsinda H mu gikombe c’isi yose.

Buja Media

Leave a Comment