Umutekano

“Mu ndwi 2 izo mpunzu bazobe bazisubije” Col. Floribert Biyereke

Nta mpunzu y’amabara y’igisirikare canke iy’ igipoli vyemerewe kwambarwa ku benegihugu nkuko vyashikirizwe n’umuvugizi w’urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi Colonel Floribert Biyereke mu kiganiro yatanze kubamenyeshamakuru. Yamenyesheje yuko iyo myambaro bituma haba ingorane yo kudatandukanye abakora ako kazi n’abenegihugu basanzwe yuko ingendo nkiyo ishobora guhungabanya umutekano mu gihugu na rirya imirwi y’iterabwoba ishobora gukoresha iyo nyambaro. Yatanze indwi 2 gusa kubazifise ko boba bamaze kuyisubiza kubasirikare bakorera aho hose hari ababegereye.

Hamaze iminsi hibonekeza abenegihugu bambara iyo myambaro isa n’iy’inzego z’ukwivuna abansi niz’umutekano. kuri we ngo vyongeye, iyo myambaro iranadandarizwa mu bibanza bitandukanye vyo mw’isoko. Colonel Floribert Biyireke avuga yuko muri kahise vyigeze gushika aho hari abari bambaye imyambaro ishaka gusa niyo mu kindi gihugu ariko biza gutukwa igisirikare c’Uburundi, akabona yuko hashobora kuba imirwi y’iterabwoba ikinyegeza mu benegihugu igahungabanya umutekano ngo ntankeka muri kano karere hoba haracibonekeza iyo mirwi yabagizi ba nabi.

Col Floribert Biyereke Umuvugizi w’Urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi

Yaciye asaba mu ndwi zibiri, ibi bikurikira:

1/ Birabujijwe ko abenegihugu bambara imyambaro isa niy’igisirikare canke igipolisi;

2/Birabujijwe kudandaza imyambaro isa niy’igisirikare canke igipolisi;

3/ Hatanzwe ikiringo c’indwi 2 gusa abafise iyo myambaro kuzoba bamaze kuyisubizi kubasirikare bakorera aho hose hari abasirikare babegereye.

4/ Uwutazokubahiriza ivyo vyasabwe azohanwa hisunzwe amategeko.

Col Floribert Biyereke aheraheza amenyesha yuko abakunda izo mpunzu bashobora guca mu nzira ziriho kugira aboba bipfuza kuja mu gisirikare aho baca mu gihe boba bagikunda ati kandi sahantu hose nabo bavyemerewe bagenda bazambaye.

 

Related posts

Ndahabonyimana Nicodème yarahagaritswe gutwara komine Mabayi.

Yvan Manager

BURUNDI: Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ibiza n’isibe, ku ncuro ya 14.

Buja Media

Abasitanteri 3 bahagaritswe mu mabanga.

Yvan Manager

Leave a Comment