Mumahanga

Haciye imyaka 65, bamenye yuko babagujije bakiri inzoya mu bitaro.

 Richard Beauvais na Eddy Ambrose bo baheruka gusanga barabagujije bakiri inzoya, bakaba babimenye bakwije imyaka 65,k Times cakoze inkuru kuri aba bagabo babiri.
Ikinyamakuru c’abafaransa Le Figaro naco kiri muvyanditse kuri iyi nkuru, gitangura kivuga ko aba bagabo babiri ubu basanzwe bafise imyaka 67 bamenye ko babagujijwe bakiri inzoya mumwaka wa 2021. Uku kubaguza bikaba vyabereye kubitaro vyo muri rurale muri Canada ni inkuru iriko iravurwa mubinyamakuru bitari bike, ikaba yaje izanyanye mukinyamakuru c’abanyamerika New York.
Richard Beauvais na Eddy Ambrose bari bafise imyaka 65 igihe bamenya ko batakuriye mumiryango yabo y’amaraso bwite, ibi bikaba vyatanguye igihe umukobwa wa Richard Beauvais yiyumvira gupimisha ibipimo ndangakamere (Test ADN) kugira yiyigire amamuko yiwe.
Rips your heart out': Two men learn they were switched at birth in Manitoba  hospital - Winnipeg | Globalnews.ca
Richard Beauvais we yari azi ko asanzwe afise akabira k’abafaransa gacanze  n’akabasangwabutaka(autochtone), araheza nawe yiyumvira gukurikirana ivy’amamuko yiwe abicishije mubipimo vya ADN, nuko asanga ntakabira nagato k’abasangwabutaka agira, ahubwo asanga afise akabira k’abanya pologne kavanze n’aka Ukraine, ubwambere akibaza ko habaye ukwihenda.
Kurundi ruhande, iyo ari muri gihugu ca Canada, Eddy Ambrose asanzwe acuruza imikeka(tapis) ubu akaba ari no mukaruhuko k’izabukuru, yariyumviriye nawe kugira ibipimo kugira akurikirane amamuko yiwe. Uyu niwe yakuriye mu muryango w’abakirisu b’abakatorika bakomoka mugihugu ca Ukraine, ariko ibipimo biraheza bimwereka ko atari umunya Ukraine nagato.
Inyuma y’ibi vyose, aba bagabo bagiye kumenyana bahujwe n’urubuga rw’ishirahamwe rikora ibipimo ndangakamere batangura kwandikiranira ubutumwa bwa E-mail mukiringo c’amezi, niho baheza bagahinyura ivyabaye bakivuka.Babagujije bakivuka kubitaro vyo muntara ya Manitoba muri Canada.
How Richard Beauvais and Eddie Ambrose Discovered They'd Been Switched at  Birth - The New York Times
Eddy Ambrose we umuryango yakuriyemwo w’abakirisu b’abakatolika bakomoka muri Ukraine yawubayemwo neza agira ubuzima bwiza nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Ouest France.
Eddy agira ati: ” Ibi bintu bimpa ukwibaza ko nambuwe akabira kanje. Akahise kanje kose karagiye nk’ifu y’imijira. Ubu ico nsigaranye ni uko mfata kazoza kanje, ako ntegerezwa kurondera.”
Richard Beauvais we avuga ko yagize ubuzima bubi kubera politique y’igikenye ya Canada. Ariko uko biri kwose Richard ntiyidoga nagato, akaba afise umunezero kubw’abakobwa babiri yibarutse, eka mbere n’umugore mwiza yaronse.
Richard Beauvais agira ati: ” Iyaba vyoshobotse ko nsubira inyuma kuri ca gitanda co kubitaro igihe navuka kugira mpindure vyose, ndakubwiye ntaco nohindura nakimwe kubera muri ubu buzima naronse abakobwa babiri beza, umugore mwiza cane, utwuzukuru dutatu tw’udukobwa”
Woba wibaza ko umuryango ubamwo muri kino gihe ari wo w’amaraso nk’uko babikubwiye?

Related posts

Abasirikare b’Ubufaransa bazotagura kuva muri Niger muriyi ndwi.

Yvan Manager

Tanzaniya: Ugusubiza hamwe kw’abatavuga rumwe na reta nivyo Samia Saluhu yubakiyeko.

Yvan Manager

Umurwi Hamas uvugako wishe umusirikare akomeye wa Isirayeli.

Yvan Manager

Leave a Comment