Umutekano

Kamenge: 3 bakomeretse mw’isanganya ry’umuriro wadutse ahadandarizwa i Matera..

Muri zone Kamenge,komine Ntahangwa kw’ibarabara rya 7 hafi y’isoko mu gisagara ca Bujumbura, hadutse umuriro mu rupangu rucururizwamwo imatera hamwe n’ama frigo maze birasha biratokombera nayo abantu batatu(3)harimwo abana babiri(2) bakaba bakomeretse kugeza yaho bajanwa kw’ivuriro, hari kuruyu wa 24 Myandagaro 2024. Umuduga uzimya umuriro wahashitse inyuma y’iminota 30.

Amakuru dukesha abahakorera, bamenyesheje yuko umuriro waturutse ku mbabura waturiye imatera n’ahandi haca harafatwa. Abari ngaho nabo bavuga ko hari neza na neza isaha 6 z’umurango zirenga gato aho babona umuriro waduka ku bwinshi, maze abari muri iyo nyubakwa bamaze gusohoka bose baca bagerageza ku wuzimya, nubwo ivyo nonekaye vyononekaye.

Image

Umukenyezi umwe mu bacururiza ngaho avuga ko yibwe amahera arenga 1.500.000 mugihe bariko barazimya uwo muriro, hamwe n’uyundi ahafise inzu y’uburiro nawe yibwe ivyombo yakoresha mu kazi kiwe.
babandanije bavuga ko umuduga usanzwe uzimya imiriro yadutse ko nawo nyene inyuma y’iminota 30 wari wamaze kuhashika. Ariko bagashima ko abenegihugu bagerageje kurokora be no kuzimya uwo muriro.
Mwomenya yuko isoko rya Kamenge yigeze guhura n’isanganya ry’ umuriro wadutse uturira isoko riratokombera ryose hari igenekerezo rya 03 Gitugutu 2020, isaha icenda y’ubucagucagu.

Related posts

Zéphyrin Maniratanga nta facebook akoresha: “Abariko bakoresha izina ryanje, bariko barabiba, sijewe”

Yvan Manager

Umushikiranganji wa mbere yasavye umwenegihugu wese ahari kudoma urutoke inkozi z’ikibi.

Yvan Manager

Umukuru w’Igihugu yahojeje abahuye n’imvura y’isegenya yahitanye abantu n’ibintu.

Yvan Manager

Leave a Comment