Politike

Umukuru w’Igihugu mw’ihuriro ry’urwaruka.

Ubushikiranganji bujejwe imigabo n’imigambi y’umuryango w’Afrika y’ubuseruko, urwaruka,inkino n’imicokama rwatunganije ibikorwa vy’ihuriro ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu vyamaze iminsi ibiri, ku civugo “Urwaruka, duhindure ivyiyumviro, twitegurire ejo hacu heza”. Ivyo birori vyatewe iteka n’ umujama w’urwaruka, Umukuru w’ Igihugu Varisito Ndayishimiye. Iryo huriro batumiyemwo urwaruka ruva mu ma komine yose y’igihugu c’Uburundi kubera bariko baterera biboneka mw’iterambere ry’aho bavuka, eka no mu gihugu muri rusangi.

Ezéchiel Nibigira Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo urwaruka.

Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo urwaruka, Ezéchiel Nibigira,abishimangira afatiye ku kuntu amakungu, harimwo n’indongozi z’ubumwe bwa Afrika zivyemeza mbere zikamuha n’ikibanza kidasanzwe mu kwitaho urwaruka. Ngo ninayo mpamvu ihuriro ry’urwaruka rikoranye mu buryo budasanzwe kuko Uburundi buriko burandikisha amateka mu karere ndetse no muri Afrika yose.

Urwaruka ruriko rurateza imbere aho ruvuka.

Ivyo vyose vyose ngo biriko biratahuza abantu ko Uburundi bufise Intwari,ko bufise abagabo b’ijunja n’ijambo. Ivyo ngo bigaragarira ku ruhara Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ariko aragira haba mu vy’iterambere ry’urwaruka , haba mu kugarukana amahoro n’umutekano mu bihugu bibanyi canke vya kure vy’Afrika. Kuri iryo huriro, umushikiranganji Ezéchiel Nibigira akamenyesha ko rifise intumbero yo guhuza urwaruka rufise ibikorwa bitandukanye , abanyeshure, abarimyi, abakorera leta , abaririmvyi ndetse abafise ingabire zitandukanye kugira baje hamwe bigishanye kandi birimbure ku tambwe bamaze igihe batera hamwe no gutegura ejo haza.

Varisito Ndayishimiye Umukuru w’ Igihugu.

«Urwaruka rw’uburundi rwarakoze birashimwa gushikaho umugabane wa Afrika urufata nk’icitegererezo» Umukuru w’igihugu aratera intege urwaruka ruri ku kivi mu rugamba rwo kugwanya inzara. Asaba kandi abarundi bose gukura amaboko mu mpuzu bakarima bakorora. Ariko, aratera ivyatsi abitwa abagwizabukene (abakomisiyonere) bashaka kurya ivyo batabiriye akuya ari nabo batuma ibintu bizimba.

Urwaruka rwitavye iryo huriro.

Urwaruka rukaba rusabwa gukora imigambi y’akabirya kugira bashobore kwiteza imbere ntibakore bahomba.

Mwomenya ko kuvaho Uburundi butanguye gushiraho ibikorwa vy’ihuriro ry’urwaruka,ibindi bihugu vyaciye biboneraho akarorero , Varisito Ndayishimiye akaba aherutse kwizera ku rwego rw’Afrika ngo abe ariwe mboneza mu bikorwa vy’urwaruka

 

 

 

 

 

 

 

 

Related posts

Ibihugu 6 vyemerewe kwinjira muri Brics 2024.

Yvan Manager

BURUNDI: IGISHASHA PEREZIDA YAKUYE MU RUGENDO YAHORAMWO.

Buja Media

Inama Nkenguzamateka yemeje ba Buramatari 3 bashasha.

Yvan Manager

Leave a Comment