Mumahanga

Israel yemeye igitigiri 1200 c’abapfuye mu gitero cakonzwe na Hamas.

Abantu 1200 nibo bahitanywe n’igitero cakozwe n’umurwi Hamas batera abanya Israel igenekerezo rya 7Gitugut nkuko vyemezwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji n’ibindi bihugu yabwiye itorororkanirizo ry;Abafransa, AFP, ko abapfuye kuri uwo munsi ari 1,200 aho kuba 1,400 nk’uko byari vyatangajwe mbere. Kuva intambara itaguye hamaze kwitaba Imana abana,abagore ndetse n’abageze mu zabukuru 240.

Lior Haiat uretse iryo tangazo nta bindi yarengejeho. Yavuze ko ibiharuro basanze harimwo n’abanyamahanga basanzwe bakorera muri Israel n’abandi. Mw’itangazo vyagaragaye yuko ibitigiri bishobora guhinduka igihe cyose habonetse amakuru mashasha.Iyo gitero kiri mu bitero vya mbere bikomeye cabaye kuva Israel itaguye kwitwa igihugu mu 1948.

Hagati aho Israel yatangaje ko yatanze amasaha ane y’agahengwe ku munsi kugirango itange inzira ku basivili bahunga no kworohereza abakora ibikorwa vy’ubutabazi kugera ku babukeneye.

Mwomenya yuko Israel yaciye itanguza kuri Hamas bikibandaya kugeza ubu. Ivuga ko bafise intumbero yo gufuta burundu Hamas yita umutwe w’iterabwoba mu gace ka Gaza. Ibitero vya Israel mu gace ka Gaza bimaze kugwamo abantu barenga 11,000 biganjemwo abasivili. Umshikiranganji w’amagara y’abantu a shikiriza ko abana barenga 4,500 bishwe muri ivyo bitero.

 

Related posts

Kenya: Abantu 35 bashizwe ahabona bakekwa gukorana n’imirwi y’iterabwoba.

Yvan Manager

Ibihugu 6 vyemerewe kwinjira muri Brics 2024.

Yvan Manager

Tanzaniya: Ugusubiza hamwe kw’abatavuga rumwe na reta nivyo Samia Saluhu yubakiyeko.

Yvan Manager

Leave a Comment