Mumahanga

Yevgeny Prigozhin yoba yitavye Imana?

Umukuru wa barwanyi ba “bacangero” Wagner babarusiya Yevgeny Prigozhin yoba yitavye Imana nkuko mw’ijoro ryuwa gatatu rishira uwa kare ariyo nkuru nya mukuru yariko iravugwa cane mu binyamakuru mpuzamakungu yuko yoba yahitanwe n’isanganya ry’indege ryabereye mu Burusiya kuri uyu wa gatatu akaba yarikumwe n’abandi icenda.
Yevgeny Prigozhin haraciye iminsi iheze ku bitangazamakuru vyo ku mugabane wa buraya bavuga ko agiye gukura ku butegetsi Vladimir Poutine aramutswa uburusiya akoresheje abasoda “abacangero” biwe.
Inyuma yogukura abarwanyi biwe mu ntambara iriko ibera muri Ukraine, Prigozhin akaba yamenyesheje ko agiye gukorera muri Afrika cane. Gushika uyu mwanya, ntawurameya neza yuko yoba yitavye Imana vyukuri kuko hari ibinyamakuru bivuga yuko akiri muzima.
Wagner Group
Abarwanyi ba Wagner (Photo: Concord Press)
 Ivyo womenya k’umuhari Wagner Yevgeny Prigozhin yatwara.
 Umuhari Wagner (uzwi neza nka PMC Wagner) watanguye kuboneka mu 2014, igihe washigikira inyeshamba zari zishigikiwe n’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine. Ico gihe, wari mu kinyegero, ukorera cane cane muri Afrika no mu Burasirazuba bwo hagati, ukaba wari uzwi ko wari ufise abarwanyi 5000 bonyene – abenshi bakaba bari abakukuruke mu gisirikare c’Uburusiya hamwe no mu ngabo zidasanzwe. Kuva ico gihe, wagiye ukura.

Mu kwa mbere, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Ubwongereza bwavuze buti: “Wagner ubu ata gukekeranya ufise abarwanyi 50.000 muri Ukraine kandi uriko ugira uruhara rudasanzwe mu ntambara ya Ukraine”. Ubu bushikiranganji bwavuze ko uno muhari watanguye kwinjiza abarwanyi ku bwinshi mu 2022 kubera Uburusiya bwari mu bibazo vyo kuronka abarwanyi binjira mu gisirikare. Hafi 80% vy’ingabo za Wagner bava mu mabohero, nk’uko Inama nkuru y’umutekano ya Amerika yabivuze mu ntango z’uno mwaka. N’aho abacangero batemewe n’amategeko mu Burusiya, umuhari Wagner waranditswe mu bitabo nk’ikompanyi yemewe n’amategeko mu 2022, mbere uca wugurura n’ibiro bikuru mu gisagara ca Saint Petersburg. Dr Samuel Ramani wo mw’ishirahamwe ry’abahinga Royal United Services Institute avuga ati: “Urinjiza abarwanyi ku mugaragaro mu bisagara vy’Uburusiya, ugacisha amatangazo ku vyapa, mbere ibinyamakuru vyo mu Burusiya bikaba biwita ishirahamwe ry’intwari”.

Inkuru irabandanya nitwamenya vyinshi kubijanye n’ibiriko biravurwa.

Related posts

Niger: Pasiporo 990 z’abategetsi batandukanye zateshejwe agaciro.

Yvan Manager

TMC Burundi: “Twazanye Jaguar wo muri Kenya kugira twerekane ishusho ryiza ry’ Uburundi”.

Yvan Manager

Emmanuel Macron yakiriye umumenyeshamakuru Olivier Dubois yanyurujwe haraciye hafi imyaka 2.

Yvan Manager

Leave a Comment