Politike

“Intwaro Ibereye”: E. Ndayishimiye arikumwe mu kiganiro n’abahoze batwara igihugu c’Uburundi.

Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yaragiranye ikiganiro kidasanzwe n’abahoze ari abakuru b’ibihugu batwaye imbere yiwe, ico kiganiro cari kijanye mu gisata c’intwaro ibereye kiremeshwa na Yoronimu umumenyeshamakuru. Ico kiganiro cabaye igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2023. 
Evariste Ndayishimiye Umukuru w’ Igihugu c’ Uburundi.
Umumenyeshamakuru Yoronimu yatanguye abaza umukuru w’igihugu Varisito Ndayimiye ko atoba amukoroye agaciro mukumutumira na bamwe bahoze kubutegetsi mukiyago kimwe, nawe amwishura ko ahubwo ari vyiza kuko ahigira vyinshi kuganira n’abakurambere.
Yabajije kandi Domitien Ndayizeye muburyo busa no gutebura ko atoba yarahenze abarundi ko azoca yigira kuri turunovis yiwe avuye kubutegetsi ariko akaba atoyo yagiyeko, nawe amwishura ko yayigerageje akibivamwo, mbere ko yigeze kwugara ivisi azi ngo yayugaye neza, munyuma ahamagara umuntu akiri muto nawe ajako asubira kuzungurutsa kabiri aca arabona ko atagifisi inguvu nkizakera.
Yarahindukiye abaza Ntibantunganya nawe ko atakintu yoba yicuza kuba atakoreye abarundi igihe yakurwa kubutegetsi, nawe amwishura ko atanakimwe yicuza ko ahubwo wari umugambi w’Imana, arongera avuga ko vyari bigoye mugihe we yatwara, mbere yibutsa ko ariwe mutegetsi wanyuma w’uburundi yakuwe habaye ihirikwa ry’ubutegetsi avuga ko yipfuza ko ako kantu koba akiwe gusa atawundi vyoshikira, akaba ariwe mukuru w’igihugu wanyuma akuwe kubutegetsi kunguvu.
Umukuru w’Igihugu E. Ndayishimiye n’abahoze barongoye igihugu S.Ntibantunganya na Domitien.N barikumwe n’uwagirishije ikiganiro. (Ifoto: Ntare House)
Jérôme yarabajije Domisiyano ico we na S.Ntibantunganya  boba bamariye igihugu ubu batakirongoye igihugu, Domisiyano yishura ko ahubwo abandi aribo bobaha amanota nayo bo ko batoyiha, yongeyeko ko ubu babaho nk’abandi barundi bose bagira akamaro aho babaye no mukibano kurya abandi babibayemwo.
Uyu mumenyeshamakuru yarabajije umukuru w’igihugu Varisito ati: ” Aha nk’ubu Umukuru w’Igihugu amaze iki? Igihugu gifise nk’umushikiranganji wambere kikagira nabo bandi, ntihabeho umukuru w’igihugu twohomba iki?”
Kuri iki kibazo Umukuru w’Igihugu yishuye ko hari igihugu ubutaka hakaba n’igihugu abarundi bari hamwe, aba rero baba igihugu iyo bafise uwubarongoye.
Yarababajije kandi kuvyerekeye intwaro ibereye aho bose basa nabahurije ko intwaro ibereye ariryo shimikiro ry’iterambere mugihugu.
Kuvyerekeye igiturire bose barerekanye neza ingaruko mbi zikomoka kugiturire mugihugu mbere bavuga ko uri Umukuru w’Igihugu utaravye neza hari abantu baza baguhendahenda kugira babigushiremwo.
Muntumbero yo kworohereza ukugwanya igiturire, uwahoze arongoye igihugu Domisiyano Ndayizeye yaravuze ko igiturire kiva mungeso mbi yongera amenyesha ko we akiva kubutegetsi, hari ababonye amazu yubatse bashaka gutohoza ko atavuye mugiturire nawe araborohereza kugira bamenye ukuri mbere basanga vyose biratunganye.
Umumenyeshamakuru Jérôme yarabajije Ndayizeye.D ko vyukuri yera, atagiturire coba kiri muri irya nzu nini (White Stone) yubatse mugisagara ca Bujumbura nawe ati: ” Erega jewe nabaye umukuru w’igihugu ndi umugabo nifise kandi.”
Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye barikumwe na Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye (Ifoto: Ntare House).
Mukibazo cakurikiye k’Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, umumenyeshamakuru Yoronimu yarabajije ko hari amageragezwa y’igiturire aramushikira, nawe yishura ko harya n’umuntu kugira akugerageze aba azi ko ugeragereka, yavuze kandi ko benshi babizi ko iyo umuzaniye igiturire uca uba umwansi wiwe.
Varisito yaramenyeshe kandi ko akiri umushikiranganji w’intwaro yo hagati, hari umuntu yashatse kumuha igiturire akavuga ko yagize Imana kuba yarize amategeko akaba yari azi ingaruka z’icaha, yaciye atohoza asanga uyo muntu yari yinyegeje inyuma y’amahera ashika imiriyoni 250 yagira yibe igihugu, akaba yari yamwemereye ko aca amuhamwo imiliyoni 30.
Harabajijwe n’ibindi bibazo bitari bike mushobora gukurikiranira kumuhora uri munsi.
Inkomoko: – https://www.facebook.com/100064902243690/posts/610409177799152/?app=fbl
                   -Nagaciro

Related posts

Amazina 9 y’abazoserukira Uburundi mu makungu yemejwe n’Inama Nkenguzamateka.

Yvan Manager

Buramatari wa Ngozi yemereye impinduka mu bijanye n’ibitoro,isukari,umuyagankuba n’amazi meza

Yvan Manager

Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu mushasha ninde?

Yvan Manager

Leave a Comment