Politike

Abatowe gutwara intara 5 zishasha mu mugambwe CNDD-FDD.

kuruyu wa 7 Gitugutu, umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD warashizeho inzengo nshasha mu ntara 5 bisunze indinganizo nshasha y’itegeko  inumero 1/ 5 yo kuwa 16 Ntwarante 2023 y’ibwirizwa ry’Umukuru w’Igihugu ishiraho intunganyo y’imbibe z’intara nshasha zigize igihugu c’Uburundi. Baratowe mu makoraniro adasanzwe abagiye gutwara amanyamabanga bashasha bagiye gutwara intara uko ari 5 arizo: Bujumbura, Gitega, Butanyerera, Buhumuza na Burunga.

Peut être une image de 1 personne et estrade
Alexandre Ngoragoze : Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bujumbura.
Alexandre Ngoragoze niwe yizigiwe n’ikoraniro kariwe agiye kuba umunyamabanga  mu ntara nshasha ya Bujumbura izoba igizwe na Cibitoke ; Bubanza, Bujumbura, Igisagara ca Bujumbura.  Alexandre Ngoragoze yahora ari umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bubanza.
Peut être une image de 1 personne et texte
Umushingmateka Georges Nshimirimana : Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega.
Umushingmateka Georges Nshimirimana yizewe kandi n’abari mw’ikoraniro kariwe agiye kubaja imbere nk’umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega yahora igizwe intara ya Gitega, Karusi, Mwaro na Muramvya. Georges Nshimirimana yahora ari Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega.
Peut être une image de 1 personne et texte
Habimana Ferdinand : Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Butanyerera.
Habimana Ferdinand  yizewe kandi n’abari mw’ikoraniro kariwe agiye kuja imbere nk’Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Butanyerera yahora igizwe intara ya Ngozi, Kayanza na Kirundo. Ferdinand yahora ari Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Kayanza.
Peut être une image de 5 personnes et texte
Nzikoruriho sylvain : Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Burunga.
Nzikoruriho sylvain yizewe kandi n’abari mw’ikoraniro kariwe agiye kuja imbere nk’Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Burunga. Yahora igizwe intara ya Rutana, Makamba, Bururi n’igice ca Rumonge na Mwaro. Ferdinand yahora ari Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Rutana.
Peut être une image de 1 personne
Gérard Barutwanayo : Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Buhumuza.
Gérard Barutwanayo yizewe gutwara intara ya Buhumuza izoba irimwo Ruyigi, Cankuzo na Muyinga. Gérard Barutwanayo yahora ari Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Ruyigi.
Mwomenya yuko bahejeje gutora abo banyamabanga b’Umugambwe CNDD-FDD murizo ntara baciye berekana komite igiye kubafasha murayo mabanga mashasha, bazoba bari mu bisata 10 ibi bikurkira:
1/ Umunyamabanga w’Umugambwe CNDD-FDD;
2/ Icegera c’Umunyamabanga w’Umugambwe, ajejwe no gutororokanya no guhanahana amakuru;
3/  Umunyamabanga w’ibiro vy’Umugambwe;
4/Umunyamabanga ajejwe inyigisho z’akarangamutima, gukundisha igihugu n’Umugambwe no kwinjiza abanywanyi;
5/ Umunyamabanga ajejwe poritike, intwaro n’amategeko;
6/ Umunyamabanga ajejwe iterambere ry’abenegihugu;
7/ Umunyamabanga ajejwe imibano, inkino, amaratiro n’ubuhinga ndangakaranga;
8/ Umunyamabanga ajejwe imihari ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD;
9/ Umunyamabanga ajejwe abagumyabanga bahoze ku rugamba rwo guhabuza amahoro na demokarasi mu Burundi;
10/ Uwutwara Abakenyererarugamba;
12/ Uwutwara Imbonerakure.

Related posts

Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu mushasha ninde?

Yvan Manager

IBIHUGU VY’AFRIKA BIKOMEZA IMIGENDERANIRE MU VY’UBUHINGA.

Buja Media

Igihugu ca Somalie cemerewe kwinjira mu muryango wa EAC.

Yvan Manager

Leave a Comment