Amagara

ANSS yatunganije uruganda ruhuza ibihugu 7 vyo muri Afrika yo hagati n’iyubuseruko.

Ishirahamwe rifata mu mugongo abagendana ubumuga ku rwego rw’igihugu (ANSS) ryatunganije uruganda rw’abagize urunani ruri mu bihugu 7 biri muri afrika yo hagati niy’ubuseruko kucirwa “Kuba imboneza m’uburongozi bwiza mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike”. Harimwo amashirahamwe 20 akorera mu gisata co kurwanya umugera wa Sida hamwe n’inzindi rwara ziyikomokako babifashijwemwo n’urunani “Coalition Plus”.

Jeanne Gapiya Niyonzima aha ikaze abitavye iyo nama.

Ishirahamwe ANSS niryo ryatowe kugira ritware urwo runani “PACE” ruhurikiyemwo amashirahamwe yose ari mu bihugu birenga 7 nk′uko Jeanne Gapiya Niyonzima ariserukira imbere y’amategeko yabishikirije bataguza urwo ruganda ruzomara iminsi 3 ruriko rurafasha abaserukiye ivyo bihugu hamwe n’amashirahamwe yo mu Burundi akorera murico gisata. Jeanne Gapiya yamenyesheje Buja Fm ico babitezeko inyuma yuko urwo ruganda rurangira “Nuko bogenda bamaze guhinduka mu vyiyumviro bakazana ihinduka mu bihugu baje bavamwo ico nico tubitezeko ahanini”.

Ishirahamwe ANSS ryatowe kubera basanze ikora mu gisata c’ubutunzi harimwo umuco mwinshi ukuntu bakoresha neza uburyo bahabwa n’ababafasha, ni mugihe hari ayandi mashirahamwe yariko arahiganwa gutwara urwo runani “PACE”.

Ivyo biruko ni mu gihe ANSS izokwiza imyaka 30 ribayeho hari  mu 1993 hari igenekerezo rya 16 Kigarama bakaba bamaze gufasha .

Related posts

Abantu 30 baramaze gufatwa n’umugera wa korera mu karere k’imbo.

Yvan Manager

Gufungura nabi bisigura iki?

Yvan Manager

Johali yibarutse abana 6, yasohotse ibitaro.

Yvan Manager

Leave a Comment