Amagara

Gufungura nabi bisigura iki?

Nivyiza kufungura bivanye n’ibikorwa wakoze canke bivanye nuko ungana. César Niyonsenga, yanonosoye ivyo gufungura neza akongera akaba mu mugwi w’abize ivy’imibano (Club de Sociologie de l’Université du Burundi) aratubwira ibikuru bikuru nkenerwa kubijanye no gufungura neza.

Yifashishije ubuhinga bwitiriwe Christian Löser, John Saunders hamwe na Trevor Smith; gufungura nabi ni ukurya indya nke(déficit) zidahuye nukwo umuntu angana (Indice de Masse Corporel :I.M.C.)ariko kandi zidahuye n’ ibikorwa umuntu aba yakoze;gufungura umugwi umwe w’ indya(déséquilibre alimentaire) ugasanga umuntu afunguye nk’infungurwa ndemamubiri gusa; gufungura nabi kandi ni kurya idya nyishi(surconsommation) zirengeye ukwo umuntu angana zikongera zikarengera ibikorwa aba yakoze.

César Niyonsenga yize ibijanye n’ivyimibano muri Kaminuza y’Uburundi.

Inkurikizi zavyo ni izihe?

Ivyo bituma umuntu agwara indwara zitandukanye cane cane izitumwa no gufungura nabi .Aho twovuga nko gufungura bike nk’aho umubiri uca ufatwa n’indwara zo gufungura nabi nka za Kwashiorkor,Marasme… Izo ndwara zikarira abantu bameze gute? izo ngwara nazo zikunda gufata abana bato kandi ziranahamagara izindi ngwara,uturorero ni izo twita ingwara z’ivyuririzi(complications). Nayo abafunguye ibirenze bafatwa n’igwara z’umuvyibuho urenze arivyo twita (Obésité) mu mvugo y’ubuhinga hamwe n’igwara z’igisukari (Diabete) ,n’izivumbuka ry’umurindi w’amaraso(Hypertension).

None hokorwa iki?

Nkuko César Niyonsenga abisigura muri ico gihe umuntu akwiye gufungura imfungurwa ntanganguvu ku rugero rw’ibice 50 gushika kuri 55%, ndemamubiri ku rugero gw’ibice 30 gushika 35%, za nsanganyangaburo kubice 10 gushika kuri 15% ,bivanye n’igitsina, imyaka, ibiro umuntu apima, aho aba ,n’ibikorwa aba yakoze.

Gutyo umuntu aba yikingiye indwara na cane cane ko ingwara zituruka ku kubura abasoda b’umubiri bakwiye babatakaje inguvu, aho rero umubiri ntushobora kwigwanira bivuye ku mfungurwa zitabereye .

Related posts

Abantu 30 baramaze gufatwa n’umugera wa korera mu karere k’imbo.

Yvan Manager

Johali yibarutse abana 6, yasohotse ibitaro.

Yvan Manager

Ingaruka mbi 10 zica mu mutwe ziterwa no kuraba ireresi z’ibiterasoni.

Yvan Manager

Leave a Comment