MumahangaPolitike

Uburusiya ntaco buravuga ku minsi 30 basabwe y’agahengwe k’intambara muri Ukraine.

Mu biganiro vyabaye kugira bafashe intambara imaze imyaka 3 ihere hagati ya Ukraine n’ Uburusiya vyabereye i Jeddah muri Arabia Sawudite yafashe ingingo yo kuyihagarika iminsi 30 ariko kuruhande rwa Vladimir Putin gushika nubu ntaco arashima kugira ica abivuzeko gushika uyu munsi. Nk’uko bivugwa na Perezida Donald TrumpĀ  aremeza yuko intumwa ziwe ziri mu nzira zija mu Burusiya mu biganiro vyerekeye ihagarikwa ry’intambara muri Ukraine.

Amerika yemera ko inzira yonyene yo guhagarika intambara ari ibiganiro ku ruhande rw’uburusiya ntaco baragira ico babivuzeko. Ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya bimenyesha yuko Putin ari mu rugendo mu gisagara Kursk.

Volodymyr Zelenskyy, kubwiwe aremera gutanga agahengwe k’iminsi 30 ariko ashikiriza yuko ubu ikibazo kikiri mu minwe y’Uburusiya:Ā  ā€œTwiteguye guhagarika intambara mu gihe c’iminsi 30, nkuko babisavye mu biganiro duherukamwo.ā€

Prezida Trump avugana n’umushikiranganji wa mbere wa Irlande yamenyeheje yuko hamwe Uburusiya butokwemera guhagarika intamba ashobora kubufatira ibihano vy’ubutunzi: ā€œNshobora kubafatira ibihano mu gisata c’ubutunzi bikagira ingaruka zikomeye kuribo,ariko sivyo tubipfuriza kuko icankerwa kurusha ari amahoro.ā€

Muriyo ntambara igihugu ca Ukraine cemera yuko kimaze gutakaza ibitigiri vy’abasirikare ibihumbi 43 gushika muri Kigarama umwaka uheze.

 

Related posts

Haciye imyaka 65, bamenye yuko babagujije bakiri inzoya mu bitaro.

Buja Media

Davis Cup: Uburundi bwandikishije kandi amateka meza muri Tennis yo muri Afrika.

Buja Media

Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye ariko agiranira ikiganiro n’abenegihugu ku Kibuga Royal yi Muramvya.

Buja Media

Leave a Comment