Inkino

Imirwi 3 yaduze muri Primus Ligue 2023-2024 yamenyekanye.

Umurwi Tel Aviv uhejeje kuronka uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca mbere Primus Ligue inyuma yo gutsinda mukanya gaheze umurwi Lumiere de Ngozi ibitsindo 2 ku busa ku kibuga CTN(Centre Technique National) ni mu gihe mu rukino rwo gutangura battsindanye igitsindo 1 ku kindi.

Urukino rwari rurindiranwe n’abantu benshi kugira bashobore kubona yiyo mirwi 2 iyija kuja mu cicaro ca mbere. Urwo rukino rwo gusubiriza rubaye mu gihe urukino rwo gutangura rwabereye kuri stade Urukundo mu ntara ya Ngozi hari kuwa 29  Ndamukiza.

Nkuko mubibona ngaho ku mafoto, abakunzi n’abakinyi baciye baterura ababafashije kubashikanma ku tsinzi nk’ikimenyesto cuko bamushimiye kubona abashikanye mu cicaro ca mbere Primus Ligue. Tel Aviv ubaye umurwi ugira gatatu uduga mu gihe hari hamaze kumenyekana imirwi 2 ariyo LLB Amasipiri FC na Moso Sugar yo mu ntara ya Rutana. Kuriyo mirwi yompi, vyabonekako bose bariko barakina kugira baduge kuko rwari urukino rwonyene rushobora kubaha uburenganzira bwo kuja muri Primus Ligue. Iyo mirwi yose uko ari 2 yabaye iya 2 mu muce wa A na B yo mu cicaro ca 2.

Gushika uyu munsi, ntituramenya neza imirwi itatu wo muri Primus Ligue ishobora gukoroka mu cicaro ca 2.

Related posts

Amazina y’abakinyi bazokina urukino na Cameroun yamaze kumenyekana.

Yvan Manager

Youssouf Nyange : Igitsindo ca mbere mu gihugu c’ Ubufaransa.

Yvan Manager

Rally: Prime Uwikunda na Prince Basabose batahukanye ihiganwa ”Boucles de l’Imbo”.

Yvan Manager

Leave a Comment