Politike

Abatari bake bakeje Angeline Ndayishimiye agiye gutwara Ishirahamwe MIPREDA.

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu C’uburundi, Angeline Ndayishimiye yaratowe kugira arongore Ishirahamwe ry’Abatambukanyi b’Abakuru b’Ibihugu vya Afrika bishinze guharanira amahoro (MIPREDA),  igenekerezo rya 08 Rusama 2023, hari mu nama igira 10 yiryo nshirahamwe MIPREDA yariko ibera mu gisagara ca Abuja mu gihugu ca Nigeria.

Angeline Ndayishimiye agiye gutwara iryo shirahamwe ikiringo c’ imyaka 2, yarasubiriye Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ca Nigeria Aïcha Buhari. Ku mbunga ngurukana bumenyi abatari bake bamukeje ivyo bikabonekako Uburundi bugiye kugira vyinshi bizokuguka narirya yarasanzwe arongoye ishirahamwe ry’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu bo muri Africa mu Burundi (OPDAD) hamwe n’ ishirahamwe Umugiraneza. Icegera ciwe bakaba batoye umutambukanyi Hadiza Bazoum Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ca Niger niwe yatowe abe icegera ciryo shirahamwe MIPREDA.

 

Ku mbuga ngurukana bumenyi twabonye abantu batari bake bamukeza kurayo mabanga mashasha nk’akarorero:

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi amukeza.
Ishirahamwe Bene Ntare bamukeza.
Inama nkuru y’Urwaruka mu Burundi nabo bamukeje.
Amb. T. Ntahiraja aserukira Uburundi mu Bubiligi yamukeje.
Ishirahamwe APADECO BURUNDI  bamukeza.
Déo Hakizimana atwara CIRID, yamukeje.
Image
Angeline Ndayishimiye atwara MIPREDA (Photo Fondation Umugiraneza)

Ivyo biruko mu gihe, Angeline Ndayishimiye baheruka kumuha agashimwe kadasanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rimushimira ku ruhara ntangere agira mu guteza imbere ubuzima bw’abenegihugu hari igenekerezo rya 5 Rusama 2023.

 

Related posts

BURUNDI: IGISHASHA PEREZIDA YAKUYE MU RUGENDO YAHORAMWO.

Buja Media

Igihugu ca Somalie cemerewe kwinjira mu muryango wa EAC.

Buja Media

Intara zigize Gitega nshasha, zakoreye ibikorwa rusangi hamwe.

Buja Media

Leave a Comment