Politike

Abatari bake bakeje Angeline Ndayishimiye agiye gutwara Ishirahamwe MIPREDA.

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu C’uburundi, Angeline Ndayishimiye yaratowe kugira arongore Ishirahamwe ry’Abatambukanyi b’Abakuru b’Ibihugu vya Afrika bishinze guharanira amahoro (MIPREDA),  igenekerezo rya 08 Rusama 2023, hari mu nama igira 10 yiryo nshirahamwe MIPREDA yariko ibera mu gisagara ca Abuja mu gihugu ca Nigeria.

Angeline Ndayishimiye agiye gutwara iryo shirahamwe ikiringo c’ imyaka 2, yarasubiriye Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ca Nigeria Aïcha Buhari. Ku mbunga ngurukana bumenyi abatari bake bamukeje ivyo bikabonekako Uburundi bugiye kugira vyinshi bizokuguka narirya yarasanzwe arongoye ishirahamwe ry’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu bo muri Africa mu Burundi (OPDAD) hamwe n’ ishirahamwe Umugiraneza. Icegera ciwe bakaba batoye umutambukanyi Hadiza Bazoum Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ca Niger niwe yatowe abe icegera ciryo shirahamwe MIPREDA.

 

Ku mbuga ngurukana bumenyi twabonye abantu batari bake bamukeza kurayo mabanga mashasha nk’akarorero:

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi amukeza.
Ishirahamwe Bene Ntare bamukeza.
Inama nkuru y’Urwaruka mu Burundi nabo bamukeje.
Amb. T. Ntahiraja aserukira Uburundi mu Bubiligi yamukeje.
Ishirahamwe APADECO BURUNDI  bamukeza.
Déo Hakizimana atwara CIRID, yamukeje.
Image
Angeline Ndayishimiye atwara MIPREDA (Photo Fondation Umugiraneza)

Ivyo biruko mu gihe, Angeline Ndayishimiye baheruka kumuha agashimwe kadasanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rimushimira ku ruhara ntangere agira mu guteza imbere ubuzima bw’abenegihugu hari igenekerezo rya 5 Rusama 2023.

 

Related posts

Kenya: Abantu 238 bahagaritswe,abapolisi 31 barakomereka mu migumuko.

Yvan Manager

Abashikiranganji bashasha barahiye icese imbere y’Umukuru w’igihugu.

Yvan Manager

IBIHUGU VY’AFRIKA BIKOMEZA IMIGENDERANIRE MU VY’UBUHINGA.

Buja Media

Leave a Comment