Inkino

Buja Queens itwara igikombe ca Lumitel Women’s League 2022-2023.

Umugwi wa Buja Queens watahukanye igikombe cabo ca mbere mu mateka y’ umupira w’ abigeme mw’ ihiganwa rikuru rya Lumitel Women’s League inyuma yo gutsinda 4 ku busa umugwi wa Bon Avenir. Buja Queens uhejeje ihiganwa ufise amanota 48 ku munsi ugira 18, uhereza iryo higanwa hari mu ntara ya Muyinga ku kibuga Umuco igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2023.

Alexandre Muyenge na Melchiade Nzopfabarushe batanga igikombe kuri Buja Queens.

Urwo rukino rwari rwatewe iteka na Alexandre Muyenge atwara FFB n’icegera c’ umuyobozi mukuru wa Lumitel Melchiade Nzopfabarushe aribo batanze igikombe imbere y’abantu bari murico kibanza.
Inyuma y’inkino zitarinke zabaye kuw imana, no kuri stade Umuco mu ntara ya Muyinga umugwi wa Buja Queens watsinda umugwi wa Bon avenir ibitsindo bine kubusa bica bituma ufata ikibanza ca mbere n amanota 48.

Igikombe bagishikiriza uwutwara Buja Queens.

Umugwi vyari bihanganye wa Fofila PF wo mu ntara ya Ngozi na wonyene watsinze umugwi wa les lionnes wo mu ntara ya Bubanza ariko ntaco vyari bikimaze kuko buja Queens yagumye kw isonga ibarusha inota rimwe gusa .

Related posts

Patrick Kanianga asaba ikigongwe, inyuma yo kwirukanwa mu mw’ iherero w’Intamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Urukino rushasha rw’ abagendana ubumuga mu Burundi.

Yvan Manager

Primus Ligue Burundi: Ku musi ugira 23, ryasozerewe gute?

Yvan Manager

Leave a Comment