MumahangaPolitike

Kenya: Abantu 238 bahagaritswe,abapolisi 31 barakomereka mu migumuko.

Umusi ugira kabiri mu gihugu ca kenya haba imigumuko iturutse ku kuntu ibiciro vy’ibintu vyaduze ariyo ntandaro yivyo vyose. Abantu 238 bahagaritswe, abapolisi 31 barakomereka mu migumuko (31 i Nairobi, 7 i Maseno), abashingamateka bafashwe. Raila Odinga yasavye abanwanyi biwe kuyibandanya.William Ruto Umukuru w’ Igihugu ca Kenya avuga ko azokora ibishoboka vyose kugira igihugu gitwarwe hakurikijwe amategeko.

Abagize imigumuko biruka.

Ivyo bitigiri vyashizwe ahabona n’ igipolisi ca Kenya iriko ibera i Nairobi hamwe no mu gisagara mu burengero hitwa Kisumu hamaze gufatwa abashika 25.Iyo migumuko yari yabujijwe kuruyu w’ Imana kubera ata ruhusha bafise ryo kuyitegura, mwitagazo igipolisi ca kenya batanze harimwo yuko ata muntu numwe yemerewe kurenga amategeko. Abatunganije iyo myiyerekano boba babonako yari gukorwa mu mahoro ntangere ariko yahavuye ihinduka iyo gukometsa abayirimwo batera amabuye kubajejwe umutekano, bavugako bashaka gufata ikirimba State House.

Raila Odinga, ahamagarira abantu kwitaba imigumuko.

Raila Odinga yagiriza reta kuba ari reta “itemewe n’amategeko”, hamwe no kunanirwa gukemura ikibazo c’ukuzimba kw’ubuzima. Bwana Ruto yiyamirije ivyo bivugwa na mukeba wiwe. Sentare ntahinyuzwa ya Kenya yaremeje intsinzi ya Bwana Ruto mu matora yo mu mwaka uheze, ariko Bwana Odinga aguma yemanga ko ayo matora “yibwe”.

Yiriwe aragendagenda mu bice bikikuje Nairobi ahimiriza abamushigikiye kwitaba ibikorwa vyiwe kandi yiyemeza kuzotunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza leta buri ndwi.Imyiyerekano y’uno munsi yatumye ubudandaji bwinshi mu muji bwugara kubera gutinya gusahurwa.Habaye itana mu mitwe kw’ibarabara rya Kenyatta Avenue hagati y’abapolisi n’abari mu myiyerekano, mu gihe bamwe baza baratera amabuye abapolisi.Amabarabara makuru yerekeza ku nyubakwa za leta zikomeye yari yazibiwe, ahakikuje ikirimba c’umukuru w’iguhugu naho nyene cazira kuhegera.

William Ruto, Umukuru w’Igihugu ca Kenya.

 “Nk’umukuru w’igihugu nzokora uko nshoboye kugira iki gihugu gitwarwe hakurikijwe amategeko, kandi nta kintu giciye kubiri n’amategeko canke ibwirizwa shingirio kizoja mu vyo dukora.” Kuruyu wa mbere hari umunyeshuye yitavye imana mu gace ka Maseno mu buraruko bwa kenya aho batera ivyuka vyokera.” 

Raila Odinga afise imyaka 78, ahamagarira abamuyoboka ko imisi yose kuwa mbere bazoza baragira imyiyerekano, avuga yuko intambara yataguye, akavuga yuko itazohera gushika abenegihugu baronse ivyo basaba. Prezida yagirije Bwana Odinga kugerageza gukwega intureka ku ncuro ya kabiri, avuga ko yakoze ivyo nyene mu 2017 inyuma y’amatora y’Umukuru w’Igihugu, Uhuru Kenyatta yatsinze.

Related posts

Umugore wa Ali Bongo apfungishijwe ic’amaso

Yvan Manager

IBIHUGU VY’AFRIKA BIKOMEZA IMIGENDERANIRE MU VY’UBUHINGA.

Buja Media

Uwuzotanga amakuru yo gufata umukuru wa ADF, Amerika izomuha imiriyoni 5$.

Yvan Manager

Leave a Comment