Mumahanga

“Abarwanyi 567 barishwe batera reta ya Uganda” Yoweri Museveni.

Abarwanyi 567 barishwe hafatwa n’ ibikoresho vya gisirikare 167 vy’umurwi urwanya ubutegetsi ADF (Allied Democratic Forces) n’abandi barakomereka nibo Umukuru w’Igihugu  ca Uganda, Yoweri Museveni, yatangaje ko kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka w’i 2021 amenyesha yuko uwo murwi ADF uri mu bibazo vyinshi ubu igisigaye ari kwishikana gusa ku ngabo z’igihugu.

Umukuru wico gihugu asaba abakora imirimo y’ubudandaji mu bisata vy’ugutwara abantu, mu masoko, n’amahoteri kurikanura bakamera magabo, bakandika amazina y’abashitse babo bose kugira abarwanyi b’umurwi ADF kuguma barikanuye kugira ntibahave binyegeza mu banyagihugu.

Uganda & DRC Forces Launch Joint Military Operation Against Allied Democratic Forces Rebels – Strategic Intelligence Service
Abarwanyi ba ADF bakorera muri Congo hamwe no mu gihugu c’ubuganda.

Nkuko iyi nkuru tuyikesha ikinyamakuru AfrikaNews, igisirikare ca Uganda, kibirekuriwe na Reta ya Kongo, carakoze ibitero ku murwi ADF mu ntumbero yo gusambura amakambi yawo, hamwe no gufata, no kuzimanganya abarwanyi bawo. Mu 2021, umurwi ADF warakoze ibitero bitari bike vyihaye inkumbi muri Uganda, harimwo ibitero vy’abiyahuzi bawo vyakozwe hanze y’ibiro vy’igipolisi no hafi y’inyubakwa y’inama nshingamateka na nkenguzamateka gihitana abantu indwi.

Mwomenya yuko mu kwezi kw’indwi muri uyu mwaka, igitero c’umurwi ADF, cahitanye abantu 42, bagizwe ahanini n’abanyeshure, bagadaguriwe kw’ishule iri mu burengero bwa Uganda.

Related posts

Ibihugu 6 vyemerewe kwinjira muri Brics 2024.

Yvan Manager

Ruto yipfuzako Abanyafrika bokwinjira muri Kenya batarinze gusabwa Visa mu 2024

Yvan Manager

Ali Bongo aridegemvya afise n’uburenganzira bwo kuja kwivuza hanze.

Yvan Manager

Leave a Comment